IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Inkoho nyinshi nizo zihumvikana

Cibitoke : Inkoho nyinshi nizo zihumvikana

vendredi 29 Rusama 2015

Muri komine ya Cibitoke, amasasu menshi niyo ahumvikana mu gushwiragiza abari mu myiyerekano.

Abariko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza nabo, bakaba bavuza amafirimbi, ikimenyetso co guhamagarana, kugira babandanye imyiyerekano, kandi ari benshi. Naho biri uko, ibarabara ryose ryo muri iyo komine gushika ku Mutakura, ricunzwe n’imiburiburi, umuporisi umwe. Abari muri iyo myiyerekano bagize barasohoka, urusasu ruca ruvuga. Abasirikare nabo nyene, bamaze kuhashika, kandi si bake, nabo barasa hejuru, mu gushwiragiza abari mu myiyerekano basa n’abarinze igiporisi.

Muri ico gihe, abari mu myiyerekano bashwiragijwe, imiduga isambura amabariyeri y’abagira imyiyerekano, iri ku kazi muri iyo komine. Amwe mu mabarabara y’iyo komine akaba azibijwe amabuye, amapine yaka umuriro, n’ibindi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.