IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Alain Guillaume Bunyoni yashizwe ku rwego rw’umu "Chancelier des Ordres (...)

Alain Guillaume Bunyoni yashizwe ku rwego rw’umu "Chancelier des Ordres Nationaux"

mercredi 22 Ndamukiza 2015, par Jean De Dieu

Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji w’umutekano w’abanyagihugu, niwe yagenywe ku rwego ruhambaye rwitwa "Chancelier des Ordres Nationaux"

Alain Guillaume Bunyoni akaba ubu, yari asanzwe ari mu nama nkuru y’Umutekano w’igihugu, inyuma y’aho yari aheruka gukurwa mu biro vy’umukuru w’igihugu, aho yari umuyobozi mwishikira kwa Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu.

Alain Guillaume Bunyoni, yahoze ari mu muhari wa rwana wa CNDD FDD ukiri mw’ishamba, ubu akaba ari umwe muri ba soma mbike b’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Uwundi yagenywe mu mabanga mashasha, akaba ari umupfasoni Gloriose Nimenya, yagenywe gusubirira Louis Kamwenubusa asigaye ari icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu. Gloriose Nimenya yahoze ari buramatari w’intara ya Bururi, akaba ari mu mugambwe UPRONA, ishami rya Concilia Nibigira, yagenywe kuba umuhanuzi ajejwe ibibazo vya poritike n’ugufashanya.

Gloriose Nimenya nawe, akaba yaheruka gukurwa mu burongozi bw’iyo ntara ya Bururi, igihe hari isekeza ryo gukura bamwe muri ba buramatari b’intara za Bubanza, Muramvya na Karuzi kuko bagaragaje ko badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, co kimwe n’uwo mu ntara ya Bujumbura vyavugwa ko asigaye ashigikiye FNL yigenga yo kwa Agathon Rwasa.


IGIHE

Messages

  • Eeeeeeee ahubwo bunyoni bari kumugira UMWAMI WABANYURUZA ITUNGA RYA RETA ,erega il fait partie de la génération abanyonyezi.

  • Tout se sait. C,est bien lui le candidat presidentiel du CNDD-FDD pour 2015. L,annonce officielle sera faite au congres DD de ce weekend, a partir de Makamba, lieu symbolique de la lutte armee. Et les civils Rufyikiri, Ntavyohanyuma, etc devront se lever pour applaudir ou degager.

  • Murazotubariza igituma yaronse iyo decoration.Mbega ni kubera iki yari yakombowe mubiro vyishikira vy umukuru w igihugu?

  • Ndavyishimiye, nyakwubahwa uwukwanka akwandureko.

  • Asha azosubirira hermese umwami wibisumaa muburundi

  • eeeeh ni génération y’ubushimwe,uwuzonyuruza itunga ry’abanyagihugu n’uwuzoshigikira ikiringo ca gatatu azoshimirwa cane na nkurunziza,uwuzokora ibinyuranye n’ivyo azomeswa.Vive le gouvernement DD, vive la démocratie au parti CNDD FDD

  • Ou bien Peter se fout de nous Burundais et de son pays ou alors c’ est un vrai commedien!

  • Le ridicule ne tue pas. Un voleur qui décore un bandit! Ils jouent àquoi ces gens? Bagomba amuhe yitoze?

  • Uwatanze amamiliyaridi,kugura umukecuru wi gipiroporo cindege naco nyene tutigeze dukubita ijisho ngo ingayi igaye imira,kumbure yari guhitana abo ba dd nyene,none ashimiriwe ico ,erega twararamvyye

  • gisuma vole matata bandiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii comme pieter

  • Kamwenubusa, amaze umwanya nk’uw’urume rumara! Ewe nominations zo mu mizi y’iherezo y’intwaro! Abatohoza ivya kazoza, murabika izo ngingo ahadata; bizofasha abana baruka ubu kumenya ingene igihugu casutswe mu ngana na MUSOLINI-NKURUNZIZA.

  • Ba mureka gukwiza ibihuha muvuga ivyo mutazi ni murindire. CNDD-FDD itegerezwa gutsinda amatora! "Mukinda mugaramye, muvyanka muvyemera,Peter Nkurunziza azongera atware imyaka itanu." UWUZORUKARISHA RUZOMUMWA RUHEREYE MUNZU IWE!

  • Jewe nibaza ko igihugu atari igikinisho . Nta n’umwe atazi ko Peter na Bunyoni ari abanyoni.Mwibaze abantu bashobora kwiba amahera yokubaka Centre de Santé 129 za kijambere babeshe ngo bariko bagura amadege y’umukuru w’igihugu!
    N’ukuri abarundi nibavire hasi rimwe bafate abo banyoni! Igihambaye coco kandi abarundi tutazihanganira ni 3è mandat y’abao bicanyi , y’abo banyoni, y’abo bihevyi .Igihugu si ic’abo kweri!!

  • ijunja riki?ijambo riki?uwo ni umunywamaraso ni umusuma nta murundi atamuzi.Il a investi dans la criminalité il moura là

  • Uwutamuzi amwitumusuma ,uwumuzi akmwitumuvyeyi,niyirambire je nzicoyamaze nzomwamamaza,niwe yahuje abarundi bari bavuye mwishamba,nabahora muvyaribigize umutekano wigihugu,mukurongora igipolisi gisingiye mukubana neza bufise ivyomudahurizako.Umuhutu wambere yabaye directeur general de la police nationale apres 1972,yarugururiye abapolisi missions zomumakungu,bumva nkumugani,ubu uwaraheranye bank kukazu yari yararonse yarakarishe,yongera yubaka niyo gupangisha,uyo rero niwe musuma,sha mututsi canke muhutu wabimwise ufukame usenge kuko wamenje,abapolisi turazubutware bwawe,nibindi birimbere ahubwo turamukeneye 2020 ngwayoborigihugu kuko basesa nkuyoze baracariho,nyakubahwa les galous vont maigrir,du courage.

  • John urihenze sha imisi ya peter ya kwiye sha genda urire ayomaraso yose ashake akame wihorere kuko iyonvugo yawe ntanumwe ayitinya...ingo tuzobereka ko atamwana yasigaye mugihugu arimwo..subutu..we nyamanswa subira kugaburira inkende mu kibira nivyo bikubereye uzogaruka uvuga ikirundi cunvikana gihuza abandi kitatarimwo urwo rwanko rwawe...pu ntasoniiii...

  • Ahaaaaa! Nne Kotumwe Ngohazoshingwa Leta Yubumwe Yobariyo?Ubuho Igiyemwo Basoma Mbike Gusa Mbega Rwasa Ntakivugwa Ubwo Harimwo Numwe Wiwe?Cnke Ni Mchezo Wandazi Nimbatanumwafisemwo Yarahnzwe Reko Turorerere Ibizokurikira Mana Rinduburundi Kuko Bugeze Habi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.