Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Umukenyezi yiturije essence imbere y’ibiro vy’umukuru (...)
 Côte d’Ivoire : Umukenyezi yiturije essence imbere y’ibiro vy’umukuru w’igihugu
 Côte d’Ivoire : Umukenyezi yiturije essence imbere y’ibiro vy’umukuru w’igihugu
				
				jeudi 22 Rusama 2014
Amakuru ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire amenyesha ko hari umukenyezi yahatswe kwiyica n’umuriro imbere y’ibiro vy’umukuru w’igihugu ahariko habera inama nshikiranganji y’igihugu ciwe.
Nk’uko vyamenyeshejwe n’umumenyeshamakuru yari avuye mu ngoro y’ikirimba c’umukuru w’igihugu, kw’isaha y’indwi y’umuhingamo wo kuri uwu wa gatatu wa 21 Rusama 2014, hari umukenyezi w’imyaka 33 y’amavuka yahatswe kwiyica yiturije essence.
Uwo mukenyezi azwi kw’izina rya Nandjara Ouattara, yavutse kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro 1981 mu gace ka Bouaflé, mu burengero bw’igisagara ca Côte d’Ivoire. Yisutseko essence ku mubiri, hanyuma afata ikibiriti yari afise mu ntoke kugira yiturire.
Uwari yabonye Nandjara Ouattara ataraza kugerageza kwiyahurira imbere y’ingoro y’umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire, avuga ko uwo mukenyezi yari avuye gutwara ikete mu nyubakwa ya posita yo muri Côte d’Ivoire, iri hafi y’ikibanza kigenderwamwo n’abantu benshi. Ku bw’uwo yamubonye, ukwo gushaka kwiyahura kwa Nandjara kukaba kwatumwe n’uko yoba yari yashikiwe n’ikintu kitamuhumurije camuciye ivutu bikamutuma yokwiyahura abona kubera kwihebura.
Mwomenya ko abajejwe gutabara baciye bahashika yamaze kwiturira, baca bamujana ku bitaro vy’i Cocody. Umwe mu ntwazangabo z’igiporisi cari caje gutabara akamenyesha ko gushika ubu, bataramenyeshwa ukungene amagara ya Nandjara Ouattara yifashe.
Mariella Bukuru
