IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Cumi kw’ijana vy’ivyafashwe bigarukira uwatanze amakuru ajanye na (...)

Cumi kw’ijana vy’ivyafashwe bigarukira uwatanze amakuru ajanye na magendu

samedi 26 Mukakaro 2014

Urwego OBR rurahakana ko ata masezerano namwe rufitaniye n’abatanga amakuru (les informateurs), ahubwo bakamenyesha ko ari igikorwa gihamagariwe umurundi wese kuko ashobora gukorana n’ikigo OBR mu gutanga amakuru ajanye na magendu n’igiturire. Mbere uwutanze amakuru y’urwo rudandazwa rwa magendu hamwe n’igiturire hari agashirukabute kamugarukako.

Abo bita "les informateurs" ni abantu bavuga ko baba bafise amakuru ajanye n’igiturire canke urudandazwa rwa magendu. Mu nama umuyobozi w’ikigo OBR yagiranye na bamwe mu bakozi bakorera ku mipaka, abo bakozi baremeza ko hariho abahora batanga amakuru rimwe na rimwe yo, ariko rero igitangaje hari n’igihe usanga abo bantu bakora urudandazwa rwa magendu binyegeje munsi y’iryo zina, ivyo rero bigashobora gucapfuza abakozi b’ikigo OBR narirya abenshi bishizemwo ko abo bantu bakorera ikigo OBR.

Umuyobozi mukuru w’ikigo OBR amenyesha ko ata masezerano namwe bafitaniye nabo bantu, ndetse ahubwo yaboneyeho akaryo ko kugabisha abakozi b’ikigo OBR boshaka gukorana nabo bantu. Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru wa OBR amenyesha ko umurundi wese yaba uwuri hagati mu gihugu canke hanze, ko ashobora kuba uwo muntu atanga amakuru (informateur), ariko ata masezerano babanje kugirana.

Ariko naho biri uko, amenyesha ko uwo wese atanze amakuru ajanye n’igiturire canke n’urudandazwa rwa magendu (fraude), afise uburenganzira bw’ibice cumi kw’ijana vy’ivyo aba ashoboye kugaruza.


Floxella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.