Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Desmond Tutu: ’’sinzotora ANC’’
 Desmond Tutu: ’’sinzotora ANC’’
 Desmond Tutu: ’’sinzotora ANC’’
				
				samedi 11 Rusama 2013
Umusenyeri w’umukurambere muri politike ya Africa y’Epfo akaba yaranaronse agashimwe k’amahoro ka Nobel, Desmond Tutu amenyesha ko atazotora ANC, umugambwe uri ku butegetsi muri Africa y’Epfo.
Mu binyamakuru Mail na Guardian vyo muri Africa y’Epfo, Desmond Tutu yanditse ati: ’’Ndababajwe no kutazoshobora kubatora bivanye n’ingene ibintu bimaze iminsi bigenda’’.
Ubusumbane, intureka n’ibiturire biri muri bimwe vyatumye ahagarika gushigikira ANC. Musenyeri mukuru Tutu w’imyaka 81, yari asanzwe ari umwe mu bari bashigikiye cane ANC mu rugamba yagize rwo kurwanya intwaro y’ivangura y’abazungu, apartheid.
Musenyeri Tutu yanditse ati: ’’ANC yari nziza cane mu kuturongora mu rugamba rwo kurwanira kwishira tukizana’’
Yabandanije ati: ’’Ariko ubu simbona ko umuhari warwaniye ukwishira n’ukwizana ushobora guhinduka vyoroshe umugambwe wa politike’’.
Musenyeri Tutu yarigeze kuba ananegura ingingo za Leta ya ANC muri ONU, na cane cane ku vyerekeye Zimbabwe.
’’Ivyo twatoye canke twanse gutora vyabaye akamaramaza, Vyaciye ku biri n’ingene twahora twigenza’’ ayo niyo majambo Musenyeri Tutu abandanya avuga muri Mail.
Musenyeri mukuru Tutu yaragwanije ubutegetsi bw’abazungu mu nyuma aza kubironkera agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu 1984.
Floxella Karire
