IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard NDUWIMANA : Abarundi bagaragaje ko bipfuza amahoro

Edouard NDUWIMANA : Abarundi bagaragaje ko bipfuza amahoro

mardi 3 Ntwarante 2015, par Egide N

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA amenyesha ko urugendo rw’amahoro rwabaye kuri uwu wa gatandatu rwaragaragaje ko abarundi benshi bipfuza amahoro, na cane cane muri kino gihe bariko bitegurira gusubiriza inzego biciye mu matoro. Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bakabona ko ari ubundi buryo bwatowe bwo kubiba urwanko.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko indirimbo hamwe n’inzandiko z’abari mu rugendo rw’amahoro rwabaye kuri uwu wa gatandatu vyerekanye ko biyamirije uwo wese arota gusubiza abarundi mu ntambara canke mu ndyane, ico yoba yitwaje cose. Edouard NDUWIMANA ati : "Bariyamirije ingendo y’akaguma n’imigumuko biriko birigishwa na bamwe bamwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, aho gukora ivyo biyemeje mu guterera mu bisata basabiye kwemererwa, binyegeza inyuma y’imigumuko kugira bashikire inyungu zabo."

JPEG - 36.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Abajejwe intwaro bararemesha abarundi bo mu mihingo yose ko atawogira umutima uhagaze, kuko ata mahoro n’umutekano bizohungabana mu bihe vy’amatora, nk’uko umushikiranganji Edouard NDUWIMANA yabishikirije, avuga ko ata kaguma canke imigumuko bizoba, agasaba abarundi bose gutegurira hamwe amatora, bamenye ko namba hari abashaka kuguma ku butegetsi, canke abashaka kubushikira ata yindi nzira ishoboka atari amatora.

Mu runani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, baranegura ingene urwo rugendo rwitiriwe amahoro rwahavuye ruhinduka urugendo rwo kubiba urwanko n’amacakubiri mu bantu, aho bagatanga akarorero ko mu ntara ya Ngozi aho abari muri urwo rugendo bagenda bavuga ko biyamirije Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE. Kubwa Vital Nshimirimana arongoye FORSC, ivyo bishobora gutuma n’ubuzima bwa Pacifique Nininahazwe bubangamirwa.

Vital Nshimirimana akabona ko abari bateguye urwo rugendo bipfuza amahoro yabo igihe ata mashirahamwe azoba akiriho, igihe ata bimenyeshamakuru vyigenga canke amaradiyo bizoba bikiriho, n’igihe kandi ata mugambwe utavuga rumwe n’uwo barimwo uzoba ukiriho. Vital Nshimirimana arongoye FORSC ati : "Turavye ingendo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, haraheze igihe kitari gito agenda aratyoza abantu bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, cane cane uwo Pacifique Nininahazwe wa FOCODE, ku buryo twibaza ko aba ariko agomora abantu bomwumvira ko hamwe bomubona bonamugandagura, bomunyuruza canke bomukorera ikibi icarico cose."

JPEG - 15.9 ko
Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC

Reta y’Uburundi ikwiye kubigabirako, nk’uko mu runani FORSC babishikiriza, kuko mu gihe Pacifique Nininahazwe yogira ico aba, canke umwe mu bamenyeshamakuru bigenga, canke abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, muri FORSC bakavuga ko bamaze kumenya uwo bazobibaza, uwo nawe akaba ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ariko arakoresha ivyo bikorwa vy’ukurwanya imirwi imwe imwe y’abarundi.
"Tuzobibaza kandi Reta y’Uburundi iriko irabiba urwanko mu bantu."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Edouard aho yidigadize aca aratwenga. Manifestation yabaye ntiyabaturutseko. Ni Leta yabahaye uburyo(taxi vélos, aba motards, kubatwara mu ma bus, etc.)
    Gusa ico nemera: Abarundi dushaka amahoro. Peter ntadusubize mu ndyane mu gushaka ikiringo ca gatatu.

  • Edouard Imvugo yiwe turayimenyereye ntaciza kiva mukanwa iwe!!
    N’umututsi yariy’ishano ryaba DD !!

  • ntahire ahire ngo yitoze.ngo akwegere abarundi.ngo kandi yikwegere .

  • Barundi mukunda amahoro nukuri yaco mwimena umutwe igihe co kubandwa mwibuke neza iyo abagiye kubandwa babuze inyishu yivyo baje gusaba haraba ubwoba ariko,Jana hari ivyo bita ibihweba vya kiranga vyitanganiza imbere bigasigura ivyo bishatse kugirango abaje kubandwa ntibacike intege
    Uyo Nduwimana aguma avuga yamuhe nkibihweba vyakiranga Mbe mwari muziko imyaka cumi itazohera? Erega nticari ikinjana
    Narindire amatora ahere azoze murivyo bureau nkumushikiranganji kandi natumeko abantu yababwiye ivyo baje gukora ntibahindagure babesha abantu
    Ko data bitabwe nabantu benshi nibareke ayo mashirahamwe nayo agire ingendo zokubiyamiriza urabe agahinda Ã…bo banrunyene yavuze ko bitavye urabeko ataribo nyene bazoza kubiyamiriza
    Guhamagara abantu utabawiye ivyo bandika kuvyapa wabona bashitse bagahindura ivyandiko Mbe mwibaza ko mutagowe
    Ndibaza ko iwanyu ari ruguru ndakubaze Mbe iyo ugiye kurimira hälyttää yumwonga uruzi rukuzura utarataha bigenda gute?aho rero mimba ruzokwuzura utarajabuka uzorara mumwonga rinsira agahinda karinyuma

  • Nivyo ntabesha abarundi barashaka amahoro. Gusa ababatwara nawe nyene arimwo ntibabishaka. Wewe aguma avuga ababahamagarira mumigumuko ariko ntavuga abategura kutubahiriza ibwirizwa shingiro kandi aribo baritoye kubice birenga mirongumunani kw’ijana. Ikindi kandi, murugendo rw’amahoro barahembwa ko numva ngo aba taxis velos bahembwa 2000F? Ayo mashirahamwe nayo, ko avuga ko bayiyamirije, ubu ntanumwe akiyitura? Les medias, ubu ntanumwe akizumviriza ko muvuga ko baziyamirije?

  • none ko numva ngo ufise umuryango ga edo bo bazoba mugihugu kitagira amahoro? uzobaraga iki? mbe ayo mahera uzoyarira he ko isi yose ibazi n umuryango waw!yemw nukurondera amata mu matako y igihori uba utakunz abaw ngo ukunde abarundi! ndisetse!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • natwe ababa hanze turasavye muze muraturungikira udufaranga tuje mumabarabara kubashigikira haaaaaaaaa nabandi murabaha kandi tuzoba benshi.

  • Edouard ari kuri Mission. Murindire muzoba mumbwira tukiramvye

  • Reka kubesha wewe nduwimana ntabantu mufise bari inyuma yanyu , twabigiyemwo kubera mwaduhaye amahera kugira mwerekane ko mufise ababashigikiye , mugabo mumatoratuzotora akari kumutima

  • Reka basha reka non hari irisumba iryo mwari mwiteze kuri Edouard?ariko Si longue que soit la journée,le soleil finit par se coucher.mbe mwarumvis ivyo Nyabenda yavuze mu Rumonge?it was a kind of propaganda.nta mahoro atagira ubutungane.mbe ko mwirirwa muraryanisha abanyaMakamba ,za dossier za Rwembe,Nzarabu,ivya safisha,ivyaberey i Businde,ba babikira nibindi mwibaza ngo ntimuzobibazwa?mutaherey i La Haye ndabarahiy

  • ivya edouard ntawutabizi uyo nuvumo wokumusaga ariko ntiyibagire kwivyudashaka ko bagukorera ntubikorere abandi

  • Ndakunda umushikiranganji Nduwimana gayemwe! Vital nawe ngokuvuga Pasifike ngobisogurako vyozovamwo kumugiriranabi? Niyabarukwoko mwebwe mwarshejeje kugiroranabi umukuruwigihugu tutibagiwe nuyumuahikiranganji wintwaro yohagantimugihugu ekamurirusangi iyi reta yose irongowe na Nkurinziza!.

  • ubwenge bwabatutsi bamwe bamwe twaraabuhinyuye MBE vitari komwigira aberanda utubbwiraa NGO niyagira icabaa muzomubaza nduwimana babanyeshure bomurutana yamarira kubuuhomba nabamwwe bommuri niverste. yyuburunndi tubabaze NDE ayo namaraso yabo ariko arababiragiramwo nddabarahhiye barabatebeje baba bagiriye akantu mutarasara

  • Abo bantu bo muri societe civile umuntu aravy ivyo bavuga d une part mivyo mga leur acharnement montre que bata defenda des idees mga bagwanya abantu.mb buyoya ko badasaba kumushengeza!!un homme qui a usurp l pouvoir pdant des annees adutwara ku nguvu sans mandat legitime.et en plus ndacabona abarundi bamuvugira.A un certain moment j m demand si abarundi tuta merita ivyo turimwo.twaravumw.on veut sans cess etr petit.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.