IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Facebook: Ishobora gutera ishari abayikoresha

Facebook: Ishobora gutera ishari abayikoresha

mercredi 23 Nzero 2013

Ivyigwa vyagizwe n’abanyeshure babiri bo muri kaminuza yo mu gihugu c’u Budagi,vyerekana ko Facebook ishobora gutera ishari,umubabaro,kwipfuza no kwumva ko uri wenyene.

Umuhora wa facebook n’umuhora wa mbere uhuza abantu benshi kuko ukoreshwa n’abantu barenga umuriyaridi.Ni uburyo bwa mbere buhuza abantu b’urukoba rutandukanye , b’imico n’imibereho itandukanye kw’isi.

Ariko rero ngo ⅓ c’abayikoresha baragira umubabaro iyo bariko barakoresha uwo muhora,ngo abakorwako cane no kuja kuri uyo muhora usanga atakintu na kimwe kiberekeye batangaza ngo abandi bakimenye.

Abo bahinga bagira bati: «Twaratangaye cane twumvise uko abantu bagira umubabaro,ishavu , ishari, iyo bari ku murongo wa facebook».Ivyo bikaba vyatangajwe na Krasnova,umushakashatsi muri kaminuza ya Humboldt iri Berlin mu gihugu c’u Budagi.

Kubw’abo bashakashatsi babiri bo muri kaminuza za Humboldt na Darmstadt, ngo amasanamu abantu bafata mu buruhuko (Photos de vacances) niyo aza ubwa mbere mubibabaza abantu iyo bari ku murongo wa facebook.

Ivyo rero bigaterwa n’uko hari abaca bibuka uburuhuko bwiza bagize bakipfuza kubusubiramwo, abandi nabo ugasanga ntibigera bagira amahirwe yo kuronka ingene baja muri ubwo buruhuko , gutyo rero bakabona ko batabayeyo nk’abandi ngo bikanabatera ishari.

Ikindi gitera umubabaro ngo n’ubucuti buvuka hagati y’abantu iyo bakunda kuvugana kenshi iyo bahuriye k’ umurongo. Ijambo« gukunda» akaba ariryo nyanduruko yavyose kuko rishobora guteranya abakundana,kuko usanga hari abandi bavyandikiye uwo bakundana,noneho uwo barikumwe akibaza ko agiye kumuheba canke ko afise abandi ku ruhande.

Abo bashakashatsi bakaba bazoshira ahabona ivyavuye mu vyigwa bibiri bakoze mu kwezi kuza kwa Ruhuhuma,ivyo vyigwa bikaba vyakozwe ku Badagi 600 bakoresha facebook.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.