IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB na LUMITEL bateye umukono ku masezerano y’ugufashanya

FFB na LUMITEL bateye umukono ku masezerano y’ugufashanya

mercredi 7 Gitugutu 2015, par egide

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB (Fédération de Football du Burundi) ryashize mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, umukono ku masezerano y’ugufashanya hagati yaryo n’ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru VIETTEL Burundi. Ayo masezerano ni ay’imiriyoni 180 z’amarundi, akaba ariyo iryo shirahamwe VIETTEL rizotanga mu kiringo c’imyaka ibiri, 2015 na 2016.

Ayo mafaranga azofasha umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru INTAMBA MU RUGAMBA akaba yavuzwe mu masezerano yateweko umukono hagati ya Reveriyano NDIKURIYO umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (Fédération de Football du Burundi) hamwe n’umuyobozi mukuru wa VIETTEL Burundi.

Reverien NDIKURIYO akaba yamenyesheje ko ishirahamwe LUMITEL ryemeye gufasha umurwi nserukiragihugu INTAMBA MU RUGAMBA, ku mafaranga angana n’imiriyoni ijana na mirongo umunani (ni ukuvuga hafi amadorare ibihumbi ijana)
Ni intererano y’ugufata mu mugongo umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru, akaba azotangwa mu kiringo c’imyaka ibiri (2015 hamwe n’umwaka w’2016).

Muri ayo masezerano, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryemeye ko imyambaro yo kwimenyereza y’abakinyi, hamwe n’imyambaro izoshirwaho y’abarorerezi n’abakunzi b’umurwi nserukiragihugu hazoba hariko ivyandiko vya LUMITEL (Sponsor officiel). N’ingendo umurwi nserukira gihugu uzohora ugira abakinyi bazoba bambaye imyambaro yanditseko LUMITEL. N’umunsi umurwi nserukiragihugu uzoba ufise urukino, ku kibuga hazoba hari ibimenyetso vya LUMITEL vy’ukumenyekanisha iryo shirahamwe.

Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru INTAMBA MU RUGAMBA uronkejwe iyo ntererano mu gihe witeguriye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 7 Gitugutu urukino ruza kuwuhuza n’umurwi nserukiragihugu w’amazinga ya Seychelles. Urwo rukino ruza kubera i Victoria ku murwa mukuru w’ayo mazinga. Ni urukino rw’ugukuranamwo rutegura ihiganwa ry’isi yose rizoba mu mwaka w’2018.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.