IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Firipo Nzobonariba : Abakoze icegeranyo ca ONU bafise iyindi (...)

Firipo Nzobonariba : Abakoze icegeranyo ca ONU bafise iyindi ntumbero

jeudi 8 Nzero 2015

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi Firipo Nzobonariba ariyamiriza icegeranyo kitarashirwa ahabona c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kivuga ko hari abasirikare b’abarundi hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD bagiye mu mwaka w’2014 muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bambaye impuzu za gisirikare n’ibirwanisho vy’Uburundi. Firipo Nzobonariba asigura ko abakoze ico cegeranyo bafise iyindi ntumbero.

Mu cegeranyo cakozwe n’abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kigiye gushirwa ahabona mu minsi iza, bemeza ko abasirikare b’abarundi bahora muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakaba baheruka gukurwayo bisabwe n’ubutegetsi bw’i Kinshassa, ariko ama Reta abiri, iy’Uburundi n’iya Congo, akaba atigeze avyemeza. Abo bahinga bavuga kandi ko hari n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi zajanwe mu myimenyerezo ya gisirikare mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, rwambitswe impuzu za gisirikare z’Uburundi, rwahawe n’ibirwanisho, abo bahinga ba ONU bakavuga ko urwo rwaruka rwa CNDD FDD rwabifashwamwo n’intwazangabo ikorera urwego rw’igendereza, Major KAZUNGU, hamwe na Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza ry’Uburundi. Abo bahinga bagatangazwa n’ingene Reta y’Uburundi n’iya Congo bagumye bavyamirira kure, n’uwabishize ahabona, Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH, akaba yaciye atabwa mu mvuto.

JPEG - 26 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Muri Reta y’Uburundi bariyamiriza ico cegeranyo, umuvugizi w’iyo Reta, Firipo Nzobonariba agasigura ko abasirikare b’abarundi basanzwe bakorana n’aba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu bikorwa vya minsi yose vy’ugucungera umutekano ku mbibe z’ivyo bihugu vyompi. Firipo Nzobonariba arahakana n’ibivugwa muri ico cegeranyo ko hari n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwagiye mu mwaka w’2014 muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bambaye impuzu za gisirikare n’ibirwanisho vy’Uburundi. Nzobonariba amenyesha ko ababivuga bafise iyindi ntumbero.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.