IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > France: Abadandaza umubiri bagera 500 barahakana itegeko rigiye (...)

France: Abadandaza umubiri bagera 500 barahakana itegeko rigiye gushirwaho

lundi 30 Ntwarante 2015

Abadandaza umubiri bo mu gihugu c’Ubufaransa baragiye mw’ibarabara biyamiriza itegeko rishasha rishinga ibihano bizohabwa abadandaza umubiri n’abawugura ryariko ryigwa n’inama nkeguzamateka.

Abagore n’abakobwa badandaza umubiri"travailleuses du sexe" barwiriyemwo aba chinwa, abahuza ibitsina babisangiye bava mu bumanuko bwa Amerika bose bagera ku 500 baragize imyiyerekano bava ahitwa Pigalle bagana Belleville mu Bufaransa bitavye akamo batewe n’amashirahamwe atandukanye bahurikiyemwo nka:Syndicat du travail sexuel, Act-up, Aides. Ibisagara vya Pigalle na Belleville biri mu vya mbere birimwo abadandaza umubiri benshi nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru 7sur7.be.

Binyegeje mu maso bakoresheje ivyo bita"masques" canke bipfukishije udutambara, bose bariko bahakana itegeko rishiraho ibihano bifatirwa abagura kugira imibonano mpuzabitsina"achat d’acte sexuel" hamwe n’inyifato abadandaza umubiri bagira kugira baronke ababashorera(racolage). Abo bagura imibonano mpuzabitsina "achat d’acte sexuel" bazocibwa ihadabu ringana amahera 1500 y’ama "euros".

Umuvugizi wa "syndicat" y’abadandaza umubiri, Morgane Merteuil avuga ko uko ari ukutitaho ubuzima babayemwo, kuko iryo tegeko risa n’iryabayeho kera kuko ababashorera bagabanutse cane. Aying, umu chinwa arongoye ishirahamwe ry’abadandaza umubiri mu Bushinwa ati:"turiyamirije ibihano ku banywanyi bacu n’igihano kw’ikosa ry’inyifato yo kubarondera(racolage)".

EELV Esther Benbassa, umwe mu bakenguzamateka yashigikiye abo badandaza umubiri bari mu myiyerekano ati:" Jewe mbona mwokwiruka cane ku basuma-bicanyi(mafias) mureke abo bagore. Twarasubiye inyuma kugira dutange ishusho nziza ku muco mwiza."

Abahuza ibitsina babisangiye bari muri iyo mwiyerekano bati:" Ahubwo iryo tegeko rije gutuma tubandanya twinubwa". Giovanna Rincon arongoye ishirahamwe ry’abadandaza umubiri Acceptess-T ati:" Ubumaraya buradutunze". Ornella, adandariza umubiri kuri Rue Saint-Denis, nawe ati:" kuki batubuza gusanza umubiri wacu kandi turi mu gihugu kirimwo democrasi?.

Mwomenyako itegeko rishiraho ibihano vy’abadandaza umubiri ryigwa n’inama nkeguzamateka kuri uwu wa mbere n’uwa kabiri ku magenekerezo ya 30 na 31 Ntwarante mu Bufaransa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.