IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gaspard Baratuza avuga ko ata musirikare w’Uburundi ari i Kiliba

Gaspard Baratuza avuga ko ata musirikare w’Uburundi ari i Kiliba

mardi 6 Rusama 2014

Umukozi w’urwego rw’igendereza ry’Uburundi azwi kw’izina rya Kazungu aravugwa cane ko yoba ari mubatwara urwaruka muri Congo mu myimenyerezo ya gisirikare. Mu rwego rw’igendereza hamwe n’igisirikare c’Uburundi bamenyesha ko ayo makuru batayazi.

Abanyagihugu bo muri Kiliba Ondes, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bamenyesha ko hari umukozi w’igendereza ry’Uburundi azwi kw’izina rya Kazungu, akunda kwinjira muri ako karere bivugwa ko gakorerwamwo imyimenyerezo ya gisirikare n’urwaruka rwoba ari Imbonerakure. Nk’uko abo banyagihugu babivuga, uwo mukozi w’igendereza aba agendaniwe n’abantu bambaye imyambaro y’igisirikare c’Uburundi, rimwe na rimwe akinjira aziniye ibifungurwa urwo rwaruka.
Nk’uko abo banyagihugu babimenyesha, baratewe uruhagarara n’urwo ruja n’uruza rw’abantu bambaye imyambaro y’igisirikare c’Uburundi, hamwe n’urwo rwaruka rwinjizwa muri ako karere mu myimenyerezo ya gisirikare.

JPEG - 16.9 ko
Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko ata musirikare w’Uburundi bazi ko ari muri ako karere ka Kiliba Ondes muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Kuri ivyo vyagirizwa Kazungu, umukozi w’igendereza, umuvugizi w’urwo rwego, Télésphore BIGIRIMANA amenyesha ko ayo makuru atayo azi, ari naco gituma ataco ashima kuyavugako.

Egide Nduwimana

Messages

  • Ewe abaa DD muri ubigugu,ariko nano mubihakana zirya mbonerakure ziciwe muri Congo Ni agaseseshwa rumuri!Twarabakoreye aka g-d narabishimye mbabatira abavyeyi babavyaye ariko ABA DD iyuaba mwari mufise umushishwa ntimwosubiriye kuroha aho bans kko n’ubu tuzobongera mwa mihimbiri mwe mutegura ihonyabwoko

  • Nimba atari ibisigo bijayo bibonwa nabantu ivyobahakana vyose bizomenyekana jewe ndirira abavyeyi bariko barahekurwa gusa ntabindi

  • Je cndd narabuze politik yabo,ivyiyumviro vyabo bbibi vyubwicanyi bategura muri 2015 kugira bazogumekubutegets naho botsindwabirihasi cane nkako nta Adolphe yiyumvira ibintu bizima kubiraba uburundi kuko sumurundi,nayo cndd yamufashe nkikigirwamana.nibitegurire ahubwo gutangigihugu 2015 bagende neza barye ivyo bivye nahandi bazohava babura vyose kuko tuzobaka vyose bafise kko nivyobasahuye igihugu twongere tubashire kurukiko kubwicanyi namabi bagize naburya dufita Dossier yumwumwe wese yitwa ngo ni dd ivyoyakoze."nabado"

  • Mbeko babihakana..muga ntibitangaje ibirwanisho vyo ntibabihakanye kobabihaye imbonerakure.Amanyanga yabobantu..nukwasigaje ayurume rumara,nayo ukuri kwabo kurikure iyo ni Dossier dushira muzindi hazogera aho tubibabaza neza kandi nibaza kobatazobihakana nkuku baminagaje,muga ndazi ejo bizoja ahagaragara nivyobaribagamije gushikako.nibareke nukubibabaza ejo burakeye

  • ariko ga yemwe jewe ndatangara canee ntamuvyeyi numwe araramika ngo yabuze umwana .. uzi ningene politike iri mugihugu wotwagwa umwana wawe akicwa ntusemerere..? ivyo abo bagabo bomuri ADC barumwo turabazi ariko umu sicagihe havugwa ngo bwa murere bwateye bakirara mubahutu bakanigagura.. hari umu tiype Rwasa namwumvirije mukiganiro uterera iki umugabo ngo amatohoza ya Onu ngo ivyegeranyo vya onu ariko igihe hasohoka Rapport imushija kugira umugwi urwana muri cong hamwe na SINDUHIJE avuga ko babesha mugabo ngo ubu nivyo ayuwundi adyohera umugera. hari nuzehe wo muri APRODEH igihe BAMUVUGAIMWUMVIRA bamwagiririje igiturire nibindi BAMUBONIMUHA.. nyene yavuga ngo amafoto barayahindura kuri computer ngo nawe nyene yobigira .. uyumunsi namwumvise yitwaza amafoto ngo yafotoye nikwo kuri kwiwe ... emwe barundi sinzi ngo tuzogarukira hehe iyo wishizemwo ko ukwiye kwirukana ubutegetsi biciye mubihuha nibinyoma amaherezo urasara ugata impuzu ukoruka akataraza kari munzira ariko tuzogafatisha abiri.

  • Ndaramukije Muco kandi ndaramukije GIRAMAHORO nabandi basanzwe baterera ivyubaka rekambere ntibagiwe nababanyarwanda canke bashobora kuba arabarundi bize murwa bitwa Mutabazi na Rukoko. Muvyukuri ndashaka gushimira uwayanditse akoresheje izina ryitwa Muco, ivyoyanditse birimwo ubwenge nubushakashatsi bukomeye. Jewe abobantuvyukuri ukondikondababona mengo numuntu yabemereye ko nibadurumbanya ubutekano mugihugu cabo cacu cuburundi bigakunda ko bazohabwa ibihembo vyahatari birenze kwuva igihugu cabo gitekanye! None inyungu yokwirirwa bavakuriki bafatakiriya niyihegayemwe!!!? Abobantu ugiraguti ukumva ngo reta ngwiriko irategura Genocide, bwaca ngo reta ngwiriko irigishiriza urwaruka kurasa muri Kongo! Jewenkibaza nti; reta yokora Genocide gute kandi kugeruyumusi nabanyanyi bimigabwe itandukanye cankamoko yabarundi atandukanye ububose bibazabati’ mbegayemwe ababanye politique bacu nibikivyabafashe ngwivyobavuga babikurahe!? Ndakomezansaba reta gukomeza urukundo isanzwe ifise mubene gihugu bose bomumigambwe itandukanye nomumoko atandukanye, kuko amajambobamazimisi bumva yibinyoma bagiriza reta, yatumye abarundinkabose buvabakunze iyi reta. Twarabaye mubwicanyi imyaka nimyaka, ubunaho nimureke abobahisemwo uwomugambi wububeshi bawubandanye imyaka nimyaka abarundi twamaze kubamenyera kwarababeshi kandi nincutizu Burundi zatanguye gutahura kwarababeshi bamwe babitumwako. Hanyuma abajejwe umutekano bakomeze kurinda umutekano wabanyagihugu bose nkukobasanzwe nabobabeshinyene barimwo mbere barakwiye kwitabwahocane kukomurabizi iyumuntu yarwaye akwiye kwitabwaho cane kurusha abakomeye, kuko ashobora kwiyahura muntumbero yokuvugako yarambiwe kuguma muburwayi budakira. Ariko ngize iconibuka, ONU mumwaka waheze yarigeze kuvugako Congo hariyo abarundi biyita kwaraba FNL bitwaje ibirwanisho Birashoboka bakaba bashaka kuvayo none ababarungitseyo bakabonako bobanza gukora ikinyoma ngo reta yarungitseyo urwaruka noneho bakanduka bakavugabati; reta ivyoyaturunditsemwo turabivuyemwo turitahiye, noneho abobariko baravuga ayamuhe bakaba babaciriye inziraguryo, kuko harubwoba bukomeye kuturwitwose twitwaje ibirwanisho turimuri Kongo mwinomisi kuko Isiyose yarahihe irarengwako vyasebikunze kwarugukenyura ikibazo ca Kongo kimaze imyaka myishi nu burundi rero burimubihugu vyifuzako igihugu ca Congo cobonekamwo amahoro aramvye, Kugerubu umurwi usigaye uri Congo ukomeye wabarwanyi ni FDLR nawo ikibazocawontikigoye bagiye kuzotaga mugihugu cabo nkuko CNDD FDD na FNL batashe mugihugu cabo cu Burundi maze bakajana ibirwanisho baribafise mwishamba bigaturirwa. APRODH kwitaribwadufatire amafoto yabamwe bazabaratera ibirindiro vyabasirikare mwishamba rya Rukoko yabireka kubera bafise ivyobahuriyekorero? Kuko atweretse kwashoboye gufata amafoto yabashaka guhungabanya umutekano wigihugu.

  • Ndagusuhuza rwose Mama kandi njyansoma ivyowandika ndabishyima cyane urumwe mubarundi nemerarwose.

  • ushaka ukuri aregera abasirikare bakorera murukoko!nibo bahagorewe baraba ukuntu kazungu ashira izo mbonerakure ibikenye vyinyama z;inka buri wkend nabo bari kubiharage n;umuceri.

  • Urya mutama wo muri APRODEH yarabivuze neza. yaravuze ko abo bagenda baba bagiye kurwanya barya barwanyi bariko bitegura gutera u Burundi nimba ari abo kwa nzabampema. Kandi akavuga ko hari abo bamaze kuzana babafashe nka barya bavuga bashikiye muri BSR. So mu bisanzwe ikintu kiraje CNDD FDD ishinga ni umutekano kandi bararwanije abansi beshi bateye barabanesha. Kubasanga iyo bari rero bica biba justifie igikuru nuko bovyumvikana na Congo kandi urabona baravyumvikanako barahishiriranira. So bariko barabarwanya ku neza yabarundi no kuneza ya Congo. Opposition ishavura kumbure guko bishizemwo nabi imbonerakure jewe mugabo nibaza ko atarizo bakoresha guko barafise aba veterans beshi nibaza ko aribo bakoresha mu kubashimira babereka ko batabibagiye bashobora kubikorako iyo bikenewe. Sinibaza ko ari ibintu vyoca bituma opposition ihagarika umutima mugabo ico dusaba le gouvernement nuko yoraba neza urwo rwaruka rwimbonerakure bakaruha dicsipline, bakareka les politiciens bagakora ku mugaragaro ntibabatinye ngo bobatsinda kandi nubwo bobatsinda ni ibisanzwe ni democratie. Hama bakagabanya corruption na politique agricole bakayisubiramwo guko ubukene burarembeje abantu. Mu biintu kininiya upimira kuntwaro muvya mbere harimwo kuduza economie, mugabo i Burundi urabona twateye dusubira inyuma Erega munda harara inzara hakazinduka inzigo

  • EWE BARATUZA MBE NONE KO BUCA TRIBUNAL INTERNATIONAL IKADUSHWARAMWO UZOGUMA UBIHAKANA

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.