IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Bane bakomeretse mu mishamirano y’Imbonerakure n’aba (...)

Gihanga : Bane bakomeretse mu mishamirano y’Imbonerakure n’aba MSD

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Abanyagihugu bane barakomeretse ku munsi wa mbere mu mishamirano hagati y’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD n’abanywanyi ba MSD. Abajejwe umutekano baragerageje kubaja hagati, intureka zibona guhera.

Muri Komine Gihanga, intara ya Bubanza, urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD hamwe n’urwaruka rwa MSD barashamiranye, bane muribo barakomereka. Muri abo bakomeretse, babiri ni Imbonerakure, abandi babiri nabo ni urwaruka rwa MSD. Intango ya vyose bivugwa ko ari abarongoye umugambwe CNDD FDD na MSD aho muri komine Gihanga bashwaniye aho bariko bivunira akanyota, mu nyuma bica bitandukira n’urundi rwaruka rw’iyo migambwe ibiri isanzwe itarabana ryiza muri komine Gihanga.

Abo muri MSD baciye bitwarira urwo rwaruka mu giporisi, bagiriza umukuru w’Imbonerakure i Gihanga ko bamubonanye inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, bagasaba ko mu giporisi botanga imitahe yo guhagarika izo mbonerakure. Imyamiramabi yamenyesheje ko yabanje kurindira ko n’izo mbonerakure zitwara, kubera murizo harimwo nabo babiri bakorekeye muri iyo mishamirano, umwe muribo mbere akaba yari yakomeretse cane ku munwa.

Mu mugambwe MSD i Gihanga baridogera abajejwe umutekano, bakamenyesha ko iyo bishitse hakaba imishamirano, abaporisi bahengamira ku ruhande rw’Imbonerakure za CNDD FDD. Mu giporisi barabihakana, bakamenyesha ahubwo bagerageza gusukamwo mabisi, mukubaja hagati.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.