IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gisozi : Umukuru w’umutumba hamwe n’Imbonerakure ya CNDD FDD bagandaguwe

Gisozi : Umukuru w’umutumba hamwe n’Imbonerakure ya CNDD FDD bagandaguwe

samedi 13 Ruhuhuma 2016, par egide

Abantu babiri bagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu rishira uwa gatandatu mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho ku musozi Gacimbirigongo, komine Gisozi, intara ya Mwaro. Abo bagandaguwe bahamagawe mu mazina imbere y’uko bicwa barashwe.

Amasasu y’abo bantu bitwaje ibirwanisho yatanguye kwumvikana nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’ijoro, akaba yahitanye abantu babiri.

Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro muri komine Gisozi amenyesha ko abo bagizi ba nabi bahamagaye mu mazina abo bantu babiri bagandaguwe, babategeka ko bobegera, mu nyuma baca barabica n’amasasu. Abo bagandaguwe ni Jean-Marie Irambona, umukuru w’umutumba, hamwe n’umwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CND FDD.

Musitanteri wa Komine Gisozi, Céléstin Singirankabo, yamenyesheje ko uwo murwi w’abo bantu bitwaje ibirwanisho utaramenyekana, akavuga ko amatohoza yamaze gutangura.


IGIHE

Messages

  • Bavandimwe abo nabo c ni kagame wabishe c ra Imana ifashe abarundi bose

  • Ko Bavuga Ngo Kagame Ngo Niwe Ariko Ahekura Uburundi Nubu Niwe,mbe Harya Nabo Brapfa?Nibatahure Bamenye Neza Kwatamuntu Numwe Adapfa Imana Ibakire

  • Mbe Kagame Igisozi Ntahazi?Vuga Neza Uwu Musi Niwewe .Umuswa Urya Umuhini Usotera Isuka Man,. Imbonerakure Sinyagupha Kk Ziheze Niwewe.

  • barabesha ntibazotumara,Imana imwakire

  • none kobavuga ko imbonerakure zifite inkoho kuki zitirwanaho canke baraduhenda sivyo.

  • Banyakubahwa Murongoye Iki Gihugu,namwe Mwese Mukunda Uburundi,murategera Neza Irikinamico Ryabarundi Ndababwire Ibanga Mutazi Mwanka Mwemera Ingabo Mvamakungu Ziraza Pe Kagame Mumure Akica Urugo Karuva Imbere Ikibazo Nuwo Yiyita Peter Nkurunziza ,IMANA YOMWIJURU NIYO CABONA MUSENGE GUSA BANN KHIMOON ASHIKE AMAHORO IBISIGAYE MUHORE MUHANGE AMASO IJURU GUSA.

  • emwe,igihe cokwivuna gitanguy bazibonerako kuko ndazi kwari cnared yabish batumy ibipinga?sha ntaco imana ibakire tuzobibuka

  • Turahojeje uwomuryango wa buze ababo,Imana ibakire ni mba bayubaha, bakubaha kiremwa muntu.

  • Mwebwe , Arcinal ba Ezechiel, mwabibwiwe niki kwatari Kagame wabishe? Ahonwabukaranga twarimusi yurutara. Umva inama zabereye Kigali mumisiheze zavugiwemwo ayamajambo ngo: kotubona ivyomuburundi twashaka gukora kuri reta kugira tuyikure vyatevye tukaba batumenye kotubifisemwo uruhare bitarakunda ngubundi vyaribikwiyeko tumenyekana kotwabigizemo uruhare aruko vyamaze gutungana kujamunguro, atirero ububirabonekanako tugomba kurondera uko tubikwepa nubwotwamaze gushirwamumajwi naba tegetsi buburundi ngindetse namahanga, atirero ubu ikintu tubona nugufatikanya nibindibihugu tukavugako abarundi mukwiye kuja mubiganiro. Umwe mubarundi yarimwiyona yaciyacugango reta iraho irongiwe numukuru wabanja ngoni Nkurunziza ibiganiro vyovyo turavyemera? Ahorero iyumuntu arimurwanda avuze umukuru wigihugu cuburundi amucuritse umukuruwu Rwanda acaryoherwa, abategetsi burwanda baciye bamwishura bakurakuranwa bavugango ahotuzobafasha kugira ibiganiro bijemuburyo, atukotuzohabafasha nuku : ngokubera amahanga iyoyumvise harumuntu yishwe acarushaho kwotsa igitutu reta yu Burundi kwitabira ibiganiro atanakimwe irinze gusaba nukubafashacane mugukomeza kwica abaturage bomu Burundi. Arcenal na Ezechiel aho mubivuzekwiki kwiyo nama ndakubwiye vyabereye Kigali?

  • Mbega Abarundi mwatahuye y’uko taboneka leta dufise muravye izego zihari bashigikiye ikiringo ca gatatu barundera amahera 1 Rwasa yibagiye safisha ingene bagandaguye abana nyiriwe biwe Nduwimana agenda mu makungu avuga ngo numututsi kandi izego za leta ziravaze mbega uwamubaza ibinogo bihabwemo imisore ya cibitoke,gangara,mutakura,jabe,nyakabiga,musaga,sha niba uprona ya concilia na Gaston aribo abatutsi bizeye bazashira nibukebuke ijambo Peter yavuze ngo bazashira kifu harage y’uko wirwanirira.

  • Mbega Abarundi mwatahuye y’uko taboneka leta dufise muravye izego zihari bashigikiye ikiringo ca gatatu barundera amahera 1 Rwasa yibagiye safisha ingene bagandaguye abana nyiriwe biwe Nduwimana agenda mu makungu avuga ngo numututsi kandi izego za leta ziravaze mbega uwamubaza ibinogo bihabwemo imisore ya cibitoke,gangara,mutakura,jabe,nyakabiga,musaga,sha niba uprona ya concilia na Gaston aribo abatutsi bizeye bazashira nibukebuke ijambo Peter yavuze ngo bazashira kifu harage y’uko wirwanirira.

  • haa yemwe turagowe!karaciye ingani umuntu yicwe azira umugambwe wiwe ababigize bose bihenze hapfa cumi hakavuka igihumbi ntibazotumara

  • Uwiteze Kwihora Ngonihumuti Uri Yihenze Ntakibanza Afise Mwijuru, None Kwariko Aravyara Ivyo Nivyariko Yigisha Abana. Subiza Inkota Murwubati Bose Bava Amaraso Ntawuva Amata.

  • Mwabibonye ? Kura Induru.

  • nibareke inzirakarengane

  • MBE GADAWE KOZIKORERA IVYO BASHAKA BADAKORWAKO.

  • @ None urahenda abantu kuvyiyo nama yikigali urunva ivyuvuga bishoboka?

  • Nibareke Inzirakarengane.Nta Bwoko Nabumwe Buzohonya Ubundi.

  • @ Kabango, haraho nakubwiye ukwiye kuja bakagusengera namba atanzira nakubwiye nikuri: www.Radio Itahuka.org mumasa kuminimwe canke sakumi nazibiri baba bariko barasengera abantu bameze nkawe bagaheza bakabatekerera mumpanuro wokwihangana kuko iyomyanda imicafu mwashizwe na Kagame murimukuyiruhuka.

  • nkaba nagira mvuge ati abo bantu batera amagerenade abandi yuko bagize amatohoza bagafatwa kuko nabo boba barishe abandi nabonyene bakwiye guca bicwa nakare ngo ikibanza ugerereyemwa mugenzawe nawe nico bakugereramwo kandi ikindi naco abo bantu baca

  • reta porise dukureko abicanyi barondere mubahane bavuga imbonerakure zamazabantu mubonutarumugambi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.