IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abantu 5 baciriwe umunyororo wo guherayo

Gitega : Abantu 5 baciriwe umunyororo wo guherayo

mercredi 1er Rusama 2013

Sentare nkuru y’ intara ya Gitega yaciriye umunyororo wo guherayo abagabo 5 kuba barishe umudandaza wo muri zone Mutoyi komine Bugendana intara ya Gitega.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2013, Sentare nkuru yo mu ntara ya Gitega yarashashe maze icira urwo rubanza rwo guherayo abo bagabo, ndetse muri abo hakaba harimwo umupolisi w’igihugu yagirijwe kuba ariwe yatanze inkoho yo kwica uyo mudandaza, hamwe n’ abagabo 3 basanzwe bagendesha ama pikipiki eka ndetse n’umwana w’uyo mudanza yarahamwe n’icaha akaba yagirijwe ko ariwe yatanze amakuru ajanye no kugandagura se.

Abaciriwe uwo munyororo wo guherayo, basabwe kandi gutanga ihadabu ingana amafaranga imiriyoni 50, ndetse no gusubiza imiriyoni 8 bamusahuye imbere yo kumugandagura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.