IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Giteranyi : Uwagirizwa kuniga umwana yavyaye yafashwe

Giteranyi : Uwagirizwa kuniga umwana yavyaye yafashwe

vendredi 7 Munyonyo 2014

Umwigeme azwi kw’izina rya Shukuru ari mu minwe y’inyamiramabi muri komine ya Giteranyi inyuma y’aho afatiwe yagirizwa kuvyara umwana agaca amuta mu mwonga.

Nk’uko amakuru dukura aho yari asanzwe yiga kuri Lycée Communal yo mu Giteranyi intara ya Muyinga abivuga, uwo mwigeme yataye umwana ahejeje kwibaruka mu mwonga, ababonye ico kiziga c’urwo ruyoya, bakavuga ko yari yabanje kuruniga. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 7 Munyonyo, uwo munyeshure yari mu mwaka w’13, akaba yabanje kujanwa kwa muganga i Mugano muri iyo komine nyene ya Giteranyi. Ariko amakuru turonse mu nyuma, akavuga ko yamaze kujanwa mu giporisi aho mu Giteranyi kugira habandanye amatohoza.

Inda z’ishushu mu mashure, guheba amashure bakabaja kwubaka, n’uguta amashure kugira baje mu bindi, bikaba ari bimwe mu bibangamira indero y’abigeme muri iyo komine isanzwe ihana urubibe n’ibihugu vy’Urwanda na Tanzaniya. Ariko kandi mu ntara zitandukanye z’igihugu, abana b’inzoya banirwa na banyina babo bahejeje kubibaruka, bikaba bidasiba kwibonekeza.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.