Accueil > Amakuru > umutekano > Giteranyi : Uwagirizwa kuniga umwana yavyaye yafashwe
Giteranyi : Uwagirizwa kuniga umwana yavyaye yafashwe
vendredi 7 Munyonyo 2014
Umwigeme azwi kw’izina rya Shukuru ari mu minwe y’inyamiramabi muri komine ya Giteranyi inyuma y’aho afatiwe yagirizwa kuvyara umwana agaca amuta mu mwonga.
Nk’uko amakuru dukura aho yari asanzwe yiga kuri Lycée Communal yo mu Giteranyi intara ya Muyinga abivuga, uwo mwigeme yataye umwana ahejeje kwibaruka mu mwonga, ababonye ico kiziga c’urwo ruyoya, bakavuga ko yari yabanje kuruniga. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 7 Munyonyo, uwo munyeshure yari mu mwaka w’13, akaba yabanje kujanwa kwa muganga i Mugano muri iyo komine nyene ya Giteranyi. Ariko amakuru turonse mu nyuma, akavuga ko yamaze kujanwa mu giporisi aho mu Giteranyi kugira habandanye amatohoza.
Inda z’ishushu mu mashure, guheba amashure bakabaja kwubaka, n’uguta amashure kugira baje mu bindi, bikaba ari bimwe mu bibangamira indero y’abigeme muri iyo komine isanzwe ihana urubibe n’ibihugu vy’Urwanda na Tanzaniya. Ariko kandi mu ntara zitandukanye z’igihugu, abana b’inzoya banirwa na banyina babo bahejeje kubibaruka, bikaba bidasiba kwibonekeza.
Aristide Nizigire
Messages
8 Munyonyo 2014, 16:04, par Ndihokubwayo Dieudonne Muyinga-Murama.
Uwo mwigememe nahanwe bimwe vy’akarorero kuko ni umwicanyi.hanyuma impanuro kuri abo bakobwa baza barigira abicanyi bamenye ko Uwiteka azabibabaza.
10 Nyakanga 2016, 02:29, par Nsengiyumva Maxim
Uwo Mwigeme NUwo KuWuhe Musozi
13 Munyonyo 2016, 20:53, par NIYONKURU THIERY
UWOMWIGEME AKWIYE GUFUGWA IMYAKAYIWEYOSE KUKO BITABAYUKO NABANDI BAZOCA BABIGIRA AKAMENYERO.
20 Munyonyo 2016, 20:44, par Edison Ndintore
nakumiro ibintuntu vyarabay ndase