Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gucanamwo muri M23 bigeze ahabi
 Gucanamwo muri M23 bigeze ahabi
 Gucanamwo muri M23 bigeze ahabi
				
				samedi 16 Ntwarante 2013
Itana mu mitwe hagati y’impande zitumvikana mu mugwi M23 urwanya Leta ya Congo mu buseruko bw’igihugu rimaze indwi ritavanako.
Imirwano yatanguye mu ndwi iheze hagati y’abashigikiye umukuru w’umugwi M23, Jean Marie Runiga, n’umukuru w’igisirikare Gen Sultani Makenga ubu igeze mu gace ka Kibumba.
Impande zompi zari zimaze iminsi zirwanira ahitwa Rugari, ariko uruhande rwa Runiga rusa n’urwigijwe inyuma rwerekeza Kibumba.
Bose bagirizanya gufatwa mu mungongo n’abandi bo hanze, abo kwa Makenga bakavuga ko barwana na Gen Bosco Ntaganda kandi ko bagiye kumufata.
Abasirikare ba Runiga kuruhande rwabo  bavuga ko Gen Ntaganda badakorana, bakagiriza ahubwo Gen Makenga kuba afashijwe n’igisirikare ca Congo.
Uko biri kwose, izo mpande uko ari zibiri ziramaze gupfisha abasirikare benshi naho zitemera kuvuga uko bangana, kuri abo hakiyongerako ibihumbi vy’abanyagihugu bamaze guhunga hamwe n’abatari bake bamaze kwitaba Imana.
Ushaka kumenya vyinshi wokurikirana ikiganiro Imvo n’Imvano co kuri uyu wa Gatandatu itariki 16 z’ukwa Gatatu, kizokwibanda ku kibazo c’ukutumvikana kiri muri M23.
Joel Sengurebe

Messages
17 Ntwarante 2013, 11:29, par Claudine
Imbwa za naniwe uruhigi none zasubiye iwa shebuja