IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hashizweho umurwi uzotohoza ku migumuko yabaye mu gisagara ca (...)

Hashizweho umurwi uzotohoza ku migumuko yabaye mu gisagara ca Bujumbura

jeudi 30 Ndamukiza 2015

Umushikirizamanza mukuru wa Repubulika, Valentin Bagorikunda yashizeho umurwi ugiye kugira amatohoza kuco yise’’imigumuko’’imaze iminsi mu gisagara ca Bujumbura.

Inyuma y’iminsi itanu hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza mu gisagara ca Bujumbura, aho hamaze kwicwa abagera kuri batanu, abandi bagakomereka ndetse n’abagera ku ma 200 bamaze guhagarikwa n’inzego z’umutekano. Umushikirizamanza mukuru wa Repubulika, Valentin Bagorikunda yashizeho umurwi ugiye kugira amatohoza kuco yise’’imigumuko’’ imaze iminsi mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko yabishikirije, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, Valentin Bagorikunda, Umushikirizamanza mukuru wa Repuburika yamenyesheje ko uwo murwi uzoba ushinzwe kugira amatohoza kugira abateguye iyo migumuko bamenyekane, bafatwe bongere bashengezwe imbere y’ubutungane.

Aho mukamenya ko abagize uwo murwi bafise ububasha bwose bahabwa n’amategeko mu bijanye n’amatohoza kugira abakoze icaha canke abakoreshejwe mu gukora icaha bafatwe, hanyuma bashengezwe imbere y’ubutungane. Uyo murwi urafise kandi ububasha bwo kumviriza uwariwe wese afise ico azi kuri iyo migumuko kugira ukuri kumenyekane. Uwo murwi uzoshobora kandi kwitura inzego z’umutekano bibaye ngobwa bongere batange icegeranyo inyuma y’ikiringo c’ukwezi.

Uwo murwi ukaba urongowe n’icariho c’umushikirizamanza kizigenza, Manirakiza Adolphe.


Alida S.

Messages

  • amatwi nkimbeba mbahukanura nkimpene yahazamatovu ayo mategeko uvuga nayahe wabonowe ubwo bufaranga baguhendesha wambawe bucutuzira weho ntugoye juradedemba ivyobaguhenda urabona akokantu ukuntu kasa umenga ntikazi kwiyoga nomumaso erega turibwa nazawambone@imisega

  • @ Manzi,!!!!!!!!!!!!!!!!! Iyoniyontererano utanze!?.
    Bizobagora.

  • nitwa ngabire bruce jewe icosa nohanura nkurunziza kumva amarira yabanyagihugu kuko atwaye ibiziga ntamaho nabwigwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.