IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hatangujwe igipolisi kidasanzwe kijejwe gukinga n’ugutohoza ubukozi (...)

Hatangujwe igipolisi kidasanzwe kijejwe gukinga n’ugutohoza ubukozi bw’ikibi

dimanche 2 Ruheshi 2013

Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi Jean Lamy arikumwe n’umuyobozi mukuru w’igipolisi baragendeye BRIJ (Brigade de recherche et d’intervention judiciaires), mu ntumbero yo gutera intege abapolisi b’abarundi bariko barahabwa inyigisho n’igipolisi c’Ubufaransa.

Ivyo birori vyabereye mu nyubakwa y’abapolisi mu Ngagara, ndetse bikaba vyari vyitabwe n’uwurongoye BRIJ mu gihugu c’Ubufaransa Michel Faury, hamwe n’uwurongoye ico gisata nyene mu gisagara ca Paris.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi, bamenyesha ko inyigisho baha abapolisi b’abarundi biri mu masezerano bashizeko umukono hagati y’Uburundi n’Ubufaransa mu mwaka w’2006-2010.
Muri ico kiringo rero abapolisi bashika 40 baramaze kuronswa inyigisho zitandukanye, harimwo ubuhinga n’uburyo buhanitse bwo kurondera canke bwo gusambisha ababa biketswe ko ivyaha, ndetse kandi bakaba bamaze kwigishwa n’ukuntu ivyo vyose vyokorwa atagateka kazina muntu kadahonyanzwe. Inyigisho rero za nyuma zikaba ziriko ziraba gushika kw’igenekerezo rya 8 Ruhrshi 2013, zikaba ziriko zitangwa n’abapolisi babiri b’abafaransa.

Ubufaransa rero bukaba bwaremeye gutanga ibikoresho nkenerwa mu bijanye n’abantu bafatwa bakaja kubarizwa mu gipolisi, kandi muri izo nyigisho ziriko ziratangwa igihugu c’Ubufaransa kikaba caratanze n’ibikoresho bitandukanye vyoshobora gufasha igipolisi mu bikorwa bitandukanye, harimwo imodokari, n’ibinndi.

Igigugu c’Ubufaransa rero kikaba caratanze amafaranga y’amanyaburaya angana imiriyoni zibiri, azofasha mu myaka itanu, ndetse kandi ubwo buryo bukaba bwarafashije mu mugambi wo gushiraho ishure kaminuza y’igipolisi mu ntara ya Bubanza kuva mu mwaka w’2010, abapolisi ba mbere bakazoheza mu mwaka uza w’2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.