IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > HCR yipfuza ko impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zoshika mu nkino za (...)

HCR yipfuza ko impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zoshika mu nkino za Olympique

jeudi 9 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Inzego zijejwe kwitaho ubuzima bw’impunzi mu Rwanda zimenyesha ko inkino n’imyidagaduro bikwiye kwitabwaho vuba mu makambi ari mu gihugu c’Urwanda kuko ari kimwe mu bifasha impunzi kuva mu bwigunge no kuva mu bibazo zihura navyo ku munsi ku munsi.

Hari benshi bumva ko uburenganzira bw’impunzi bugarukira ku guhabwa ubuhungiro no guhabwa imfungurwa, bakibagira akababaro n’agahinda umuntu yahunze yamana gushika ku munsi wa nyuma umuntu asubiye mu gihugu ciwe.

Inzego zitaho impunzi mu Rwanda zivuga ko mu burenganzira bwinshi impunzi zifise harimwo inkino n’imyidagaduro, vyose bikaba bifasha impunzi kuruhuka no kwibagira vyinshi mu bibazo vyo mu buhungiro.

Jacques Rogge, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igihe yashikiriza impunzi z’Abarundi ibikoresho bitandukanye vy’inkino kuri uwu wa 8 Ruheshi 2016, yamenyesheje ko bahisemwo gushira mu nkino amafaranga agera ku bihumbi 392 vy’amadorali ya Amerika, kugira bereke urwaruka ko inkino ari nkenerwa.

Dr Azam Saber, umuyobozi w’ishami rya ONU ryitaho impunzi (UNHCR) mu Rwanda, avuga ko imfashanyo ijanye n’inkino Abarundi bari mu buhungiro bahawe itegerezwa kuvamwo abakinyi bazokwitabira inkino Olympique zizobera i Tokyo, bavuye mu mpunzi ziri mu makambi yo mu Rwanda.

Dr Azam asigura ko inkino ari igice batigeze bateganyiriza mu bihe biheze, kandi gifise uruhara rukomeye mu mibereho myiza y’urwaruka rw’impunzi.
Abandanya avuga ko integuro y’uko bizoshikwako zigiye gutegurwa, zikazotangura gushirwa mu ngiro mu ntango z’umwaka w’2017, ari naho hazoba hariko hategurwa amarushanwa azovamo abokwitabira inkino za Olympique z’umwaka w’2020.

Ngendakuriyo Leonard, umumenyereza mu nkino ngororamubiri mw’ikambi ya Mahama, asaba ko imirwi yimenyerereza mu makambi yo mu Rwanda yokwemererwa kwitabira amarushanwa yo mu Rwanda, ndetse ubuyobozi bwa komite Olympique bukaba bwizeza ko bizoshoboka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.