Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibintu umuntu abwirizwa kwirinda imbere y’umukunzi wiwe
 Ibintu umuntu  abwirizwa kwirinda imbere y’umukunzi wiwe

				jeudi 17 Nzero 2013
Kugira ugumane icubahiro kandi umukunzi wawe agume akwiyunvamwo,hari ibintu ubwirizwa kwiyubara,kugira ntabone udukosa twawe twose,ivyo tubisanga muri « blog the Stir»,aho atwibutsa ibintu 5 umuntu yokwirinda gukora imbere y’umukunzi wiwe.
kugira agwanye ico cose cotuma urukundo rutituka ,navyo ni ibi:
 Kirazira kwituma imbere y’uwo mukundanye canke mwubakanye.Urugara umuryango iyo winjiye mu kazu ka surwumwe kugira ntiyumve umunuko canke ivyo uriko uragira, n’aho kuja mukazu ka surwumwe  ari ivya bose ntibiryoshe kwumva  uwuriko aritabara.

 Kirazira kwimena agahere muri kumwe,kuko niyo ubikoze wenyene urabona ko atari ibintu bibereye ijisho kuraba; nta muntu n’umwe yonezereregwa kubiraba,urumva ko k’umukunzi wawe ari ibindi kuko aba akubona nk’umuntu adasanzwe.

 Kirazira kwimyira canke kuguma wikora mu mazuru imbere yiwe, bishitse bikaba ngombwa ko wimyira canke izuru rikakurya ugashaka kwiyagaza,uragerageza kwihisha kuburyo utabikora ku mugaragaro.

 Umukunzi wawe arazi ko kuba ufise umubiri mwiza canke kuba usa neza , atari igitangaza ca kubayeko.Nikubera ugirira isuku umubiri wawe,ariko ntibikenewe ko ubikora abona,ari nko kwisiga ibituma usa neza,kwimwa ubwanwa..

 Hari n’abatazi ko kwica inzara  zo ku maguru ari ikosa rikomeye.Uriherera wenyene hanyuma ukaza  wahejeje kuko hari aho usanga zirimwo ubucafu.Ariko rero gucira inzara umukunzi wawe canke akazigucira biraryosha urukundo cane cane iyo ubikoze atarinze kubigusaba.

Abantu benshi bafata ivyo twadondaguye nk’ibintu bisanzwe canke nk’udukosa dutoduto ataco twokwica,ariko ngo turashobora gutuma urukundo rugabanuka kuko umukunzi wawe utaba wamuhaye icubahiro kimukwiriye.
Marie Claire Ingabire