IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibiro 28 vy’amenyo y’inzovu vyarafashwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura

Ibiro 28 vy’amenyo y’inzovu vyarafashwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura

mardi 30 Mukakaro 2013

Umunya Guineya yarasanzwe aba mu Burundi yarafashwe n’igipolisi c’Uburundi ku kibuga c’indege ca Bujumbura ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 27 Mukakaro 2013, mu gihe yari agiye mu gihugu ca Togo, afise ibiro 28 vy’amenyo y’inzovu, bitazwi n’amategeko.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Mukakaro 2013 yamenyesheje ko ubu uwo yafashwe ariko aragirwako amatohoza n’igipolisi c’Uburundi kugira bige neza ico kibazo.

Mu gushigikira igipolisi gikorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura, ubufaransa bwarahaye imfashanyo y’icuma gihanitse (LOGYX), kijejwe kwiga no kuraba ibikorwa vyose bihakorerwaho no gusuzuma ibikorwa vyose biteye amakenga vyokorwa.
Ico cuma kizofasha abakozi basanzwe bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura kurushirizaho gukora neza mu kugenzura uruja n’uruza rw’abantu ku kibuga c’indege. Ivyo ni ivyashikirijwe n’uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Jean Lamy, igihe yariko aratanga iyo mfashanyo (LOGYX) ku mugoroba wo ku munsi w’ejo.

Mwomenya ko Uburundi kibaye igihugu ca mbere muri Afrika gikoresheje ico Cuma catanzwe n’ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.