Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ibiro vya douane vyaruguruwe ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda
 Ibiro vya douane vyaruguruwe ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda
 Ibiro vya douane vyaruguruwe ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda
				
				jeudi 18 Mukakaro 2013
Ku musi w’’ejo igenekerezo rya 17 Mukakaro niho bagira ibirori vyo kwugurura icese ibiro vya douane vyo ku Ruhwa biri ku mupaka w’Uburundi buhana n’Urwanda, mu ntara ya Cibitoke.
Ivyo biro bishasha vya douane bizoba bijejwe gusuzuma bikazotuma abantu baca kuri urwo rubibe batahatakariza umwanya munini mu gihe baciye ngaho. Mu gihe ibikorwa vyo gusuzuma bavuga ko vyahora bimara nk’iminota 30, ubu bizomara nk’iminota 5 gusa. Ni ukuvuga ko ata mwanya abahaca bagitakaje, ivyo kandi bikazofasha bikomeye mu guhanahana ibidandazwa hamwe n’uruja n’uruza rw‘abantu.
Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe gutwara abantu n’ibintu Deogratias Rurimunzu hamwe na mugenzi we wo mu gihugu c’Urwandaajejwe, Alexis Nzahabwanimana. Abo bategetsi bompi barashimiye abantu bose bafashije mu kwubaka ivyo biro, baca baboneraho n’akaryo ko gusaba abantu bose bazohakorera ko bohabungabunga neza.
Floxella Karire
