Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro vy’abasirikare bihanzwe n’amadeni y’umurengera
 Ibitaro vy’abasirikare bihanzwe n’amadeni y’umurengera
 Ibitaro vy’abasirikare bihanzwe n’amadeni y’umurengera
				
				vendredi 4 Gitugutu 2013
Ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge "Hopital Militaire de Kamenge" muri kino gihe birafise ingorane z’uburyo. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Therence Sinunguruza yaragendeye ivyo bitaro mu ntumbero yo kwirabira uko ririko rirakora, bongere bigire hamwe icokorwa.
Ku musi wa kane, igenekerezo rya 3 Gitugutu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaragendeye ibitaro Hopital Militaire, inyuma yo kugendera ibibanza bitari bike kuri ivyo bitaro, nka hamwe bakirira abakenyezi, ahavurirwa indwara z’abantu bakuze, ahavurirwa indwara z’abana, aho babagira ene ivyo bitaro bikora n’aho hamwe n’inzu idandarizwamwo imiti. Inyuma y’aho, Therence Sinunguruza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaciye aganira n’abaserukira abakozi b’ivyo bitaro. Yamenyesheje ko ashima ingene ivyo bitaro bikora n’aho bifise ingorane z’uburyo muri kino gihe, kubw’ibirarane bitararihwa, kandi bishobora gutuma ibikorwa vy’iryo vuriro bisubira inyuma.
Kuri ico kibazo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza yamenyesheje ko Leta izokora ibishoboka vyose kugira irihe amadeni ifitiye ivyo bitaro kugira ibikorwa vyaryo bibandanye neza ata ngorane.
Therence Sinunguruza yaciye ndetse aronkeraho akaryo ko gushimira ubuyobozi bw’ivyo bitaro hamwe n’abakozi bose ko naho hari ingorane, abakozi baho batigeze bahagarika akazi, ahubwo bamye bemera ibiganiro n’ababakurira.
Muganga Marc Nimburanira, umuyobozi mukuru w’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge yamenyesheje ko ayo madeni ivyo bitaro bifitiwe agera ku miliyaridi zine n’ibihumbi amajana atandatu vy’amafaranga y’amarundi (4 600 000 000). Ivyo bitaro navyo ku ruhande rwavyo, bifitiye abo basanzwe bakorana (les fournisseurs) ideni ry’amafaranga umuriyaridi umwe n’ibihumbi amajana atatu y’amarundi (1 300 000 000)
Floxella Karire

Messages
7 Gitugutu 2013, 04:00, par Paterne
reta nirabe ingene yosanura ibitaro mu gihugu hose.