Accueil > Amakuru > u Burundi > ICG isaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu biganiro
ICG isaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu biganiro
mercredi 5 Myandagaro 2015
International Crisis Group imenyesha ko ibihe Uburundi burimwo vyerekana ko ari igihe c’intango y’intambara.
Thierry Vircoulon ajejwe akarere ka Afrika yo hagati muri International Crisi Groupe yavuze kuwa kabiri igenekerezo rya 4 Myandagaro,ko amabi akorwa yahinduye ishusho, aho yavuye mu myiyerekano mw’ibarabara,ubu ikaba ishitse mu bwicanyi bw’abategetsi bakomeye mu gihugu.
Thierry Vircoulon yavuze ko ivyashikiye Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH ari ingaruka z’urupfu rwa Lt Gen Adolphe Nshimirimana rwabaye mu gatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro.Avuga ko bishobora gutuma igihugu gisubira mu ntambara.
International Crisis Groupe ihamagarira abegwa n’ikibazo c’Uburundi bose gusubira mu biganiro,igahamagarira amakungu kugira ico bakoze mu maguru masha mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.
Van Naris Mugisha
Messages
5 Myandagaro 2015, 09:57, par MWARIMU
AMAKUNGU ADAHAGURUTSE NGO ARABE ICO AKORA KU BURUNDI NTAZE AVUGE NGO NTIYABONA KO BISHOBORA KUYANGARA . KANDI BURYA NTA KINDI ATARI MANDAT YA GATATU YA NKURUNZIZA .
5 Myandagaro 2015, 13:16, par Claude
Tabara Tabara Mana Uburundi
5 Myandagaro 2015, 13:17, par Eric
Abarundi ni mu rindira amakungu ngo arabafasha mukibazo canyu muragowe abanyarwanda banshize ayo makungu andahari arebera ikibazo mufite abanye politique banyu ntibakunda igihugu bironderera imyanya muri Leta,bakibagira abanyagihugu mbega Rwasa wabariye abaFNL ngo bihe amabarabara ngo ntiyemera I kiringo ca gatatu ubu akaba uwambere kwijira muri Leta akibagira abenegihugu igipolice ca gandaguye,
5 Myandagaro 2015, 18:25, par LOLILO
LOLILO nivyukuri wewe ntiwibeshe igikenewe nuko prezida yogifata nkankama niba akunda uburundi nabarundi narabe icakora kuko niwe afise urufunguzo gwavyose, naho amakungu atoza niwe wenyene avyugaye nimpu zohagara murakoze