IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > “Igipolisi gikwiye kwigishwa uko gifata abana mu bihe vy’amatati’’

“Igipolisi gikwiye kwigishwa uko gifata abana mu bihe vy’amatati’’

dimanche 24 Munyonyo 2013

Igipolisi kirakwiye guhabwa inyigisho z’ingene bafata abana mu gihe babasanze ahari amatati. Ivyo bivugwa na David Ninganza arongoye ishirahamwe SOJPAE Burundi ryishinze guharanira agateka k’abana.

Mw’ishirahamwe SOJPAE basaba ko igipolisi cohabwa inyigisho kikamenya ingene gifata abana mu gihe kibasanze ahari amatati. David Ninganza arongoye SOJPAE akaba yabimenyesheje mu gihe muri komine Nyakabiga y’igisagara ca Bujumbura abana babiri bambitswe menote babavana kwa nyina babajana kwa se. Ivyo ni mu gihe abo bavyeyi baribarahukanye. David Ninganza aratera ivyatsi inyifato y’ico gipolisi, akagira ati : “ ni ibara kumutemere nta kuntu igipolisi cofata abo bana nk’imbohe ifise ico yagirizwa kandi ata caha bakoze. Ku mwana, umuvyeyi yama ari umuvyeyi uko ameze kwose. Umwana ntibimuraba iyo hari ingorane’’. Ku bw’ivyo igipolisi kirakwiye kwiga ingene bafata abana muri be n’ivyo bihe.

Arangiza atera akamo abavyeyi ko bari bakwiye kureka gushira ingorane zabo mu bana babo, bakerekana ishusho nziza. Umugabo ategerezwa kumenya ko umwana agumana urukundo rwa nyina n’umugore n’uko.


Floxella Karire

Messages

  • nk umuvyeyi nsaba ko abo bantu boreka kubabaza abana kuko kwahukana vyonyene birababaza uruvyaro ..Uwo mugabo nareke kwicira urubanza naho yoba ministre wa leta dd !!!Amategeko akingire abana ,,ko nzi ko uwo mugabo adakunda abana kuruta nyina we yabavyaye nibabe bareka kutubesha ,,,,

  • Bavyeyi ndabivuze nkumuvyeyi,igikomere umwana agira mwokimenya ahubwo umuvyeyi nkuwo yihangane areke kwicabana kuko sibo.umwana ajaho abona amerewe neza ntiyoja kwa se na muka se kandi abona agifise nyina amukunda.Rien ne remplace l’amour d’une maman et ,<,N’oubli jamais que la seule femme qu’aimera toute sa vie est ta maman>>.Abapolice nabo nibarabe ko uwo mwana bafashe gutyo arimwikosa canke ukwangana,ukuvuga imyaka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.