IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisagara ca Gitega kigiye kuba umurwa mukuru wa poritike w’Uburundi

Igisagara ca Gitega kigiye kuba umurwa mukuru wa poritike w’Uburundi

mercredi 15 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro kuva ku mutumba gushika ku rwego rw’intara ya Gitega, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko igisagara ca Gitega kigiye kuba umurwa mukuru wa poritike mu Burundi.

Uwo mushikiranganji yari yakoranije abajejwe intwaro kuri uwu wa kabiri kugira barabire hamwe ivyobanza gukorwa.

Mu gihe uwo mugambi woja mu ngiro, inama nshingamateka, inama nkenguzamateka hamwe n’ubushikiranganji bumwe bumwe bikaba bizoca biduga gukorera mu ntara ya Gitega.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yasiguriye abajejwe intwaro ko uwo mugambi ari nkenerwa kubera igisagara ca Gitega kiriko kiraguka, iyo ntara ikaba iri hagati mu gihugu, ibizotuma abantu bakenera abategetsi bamwe bamwe biborohera kubashikira, aho akaba ari mu gihe bahora barinda kubasanga i Bujumbura, ababakeneye bose rero bakazohurira hagati i Gitega.

Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko agiye kuvugana n’abajejwe itunganwa ry’igisagara kugira batange ibibanza vyokwubakwamwo inyubakwa zitandukanye, abarwizatunga b’i Gitega nabo hamwe n’imvukira z’iyo ntara bagasabwa gushira imitahe muri uwo mugambi, bubake amazu azokorerwamwo n’izo nzego zizokwimukira muri iyo ntara.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akipfuza ko hogera mu mwaka w’2020 uwo mugambi wamaze kuja mu ngiro, igisagara ca Gitega arico murwa mukuru wa poritike w’Uburundi


IGIHE

Messages

  • ahubwo numusazi ntakomey neza ahubwo bashats kunyegeza nkurunziza kuko ntakintu nakimw kiriho cofasha kugira habe capitale politique

  • Nkurumbi agomba kwinyegeza,yinyegeje hejuru tumutume inkuba,yinyegeje mu mazi tumutume ingona,aciye hasi tumurye izokeje.

  • Bagomve Ahonkurunziza Azohora Yinyegeza Wekwinyegeza Witwango Urimugwawe!

  • Mpebe ntwenge kweli. Ngo Gitega ibe Capitale politique y’u Burundi? Yayayayayayayayayayayayaya. Har’ibintu vyinshi cane bikenewe kugira ahantu hitwe capitale politique. Ico ntazobona kur’ino ngoma....

  • gashiga irabashyiguye ibazanye igitega?
    aho nisawa kabisa mutwegere natwe turi hafiyanyu muvuga nfyo turuhukira gitega .

  • Bizobabibaye vyizacane gose cane bikozwe gurtyo, iyabaribikunda nuwomwaka wa 2020 ntiworinze gushika.

  • None Eraste,Vivi,Falcon nabandi muvuga ngo Nkuru arondera aho yinyegeza ndabasetse!!!None Igitega si muburundi?Kumbe mwebwe muziko igihugu ari Ibujumbura gusa?

  • AHUBWO UMUGWAMUKURU WA PORITIKE IYOMUWUSHIRA IBURURI NIHOHARISAWA

  • Nagomba ndabamenyeshe yuko umugambi wo gushira capitale muri Gitega udatanguye uno musi. Umuntu wa mbere yari yavipfuje yari Président Bagaza, ni uko nyene yaciye ava ku butegetsi atarabishikako. None mugomba kuvuga ko Bagaza yagomba kuja kwinyegeza i Gitega?

  • Nagomba ndabamenyeshe yuko umugambi wo gushira capitale muri Gitega udatanguye uno musi. Umuntu wa mbere yari yavyipfuje yari Président Bagaza, ni uko nyene yaciye ava ku butegetsi atarabishikako. None mugomba kuvuga ko Bagaza yagomba kuja kwinyegeza i Gitega?

  • Ariko ntasoni ga yemwe mbega mwibaza ko son Excellence mungana aho mumuvuga nabi uko mwishakiye.
    Son excellence ni umugabo atagira ubwoba wijunja n’ijambo.

  • Uwomugambi nimwizape,ariko harimpanuro notanga kuruwomugabo mugamba wokwubakamazu.nosabako reta itosubiragukorera mumazu ikodesha kukoniho ubutunzi bwigihugu buherera,abagwizatunga nibubake na reta yiyubakire gutyo ayotanzwe gupanga azokoriyindi migambi.birateyisoni uravye amazu reta ikodesha ahiheba ikikodesha nizayonazo!!urugero nkamazu ya Nss nayandi tutavuze nifatumugambi wokugarura ayomafaranga mukigega azokoribindi.nyakubahwa Nkurunziza izinaniryomuntu uwomugambi ntuzuwusiginyuma nkuko mwatanguje ikirimba cumukuru wigihugu na presidance nayo nizindi nyubakwa zareta ziboneke.gupanga kwa reta biragaherana nintwaro yanyu kugirabazobakurikira bazebame bibuka ubabanjirije ivyoyakoze bakomerezeho!!IMANA ibajimbere murivyose .

  • @Falcon (igiceri). Mujeri falcon nube wirira impengeri.i Mahama. Gusa niba udakunda Peter wiyahure .

  • hhhh,,,,, ntaburere umuvyeyi yigeze umwana avyaye canke arera wewe yobukurahe ? nta nkurunziza nta babarundi aho muri hose mbona muzuye ubujuju gusa ubundi je mbona ntakundi warukwiye kuvuga aho yaba ari hose kwisi kuko mbona nabwenge mwigeze ntanubwo mugira ntanubwo muzokwigera hoshi hoshi hoshi epuuu

  • @ Mbazumutima Jerome, ndashigikiye ivyiyumviro vyawe % iyaba dufise abantu bafise ivyiyumviro nkivyawe bashika 10,000 mu Burundi tubaturimubihugu vyambere kw’Isi. Nuko hariho umuntu yavuzeko Nyenicubahiro Nkurunziza atandika comments nacanibaza kwariwe yavyanditse kuko niwenabonye afise ivyiyumviro nkivyovyawe arinacogituma bamwebaciye bahitamwo kumwanka ngokuko ashaka ku Burundi guterimbere binwebiboneka ngomurikazoza ngivyozoguma bimuharurwako

  • hhhh,,,,, ntaburere umuvyeyi yigeze umwana avyaye canke arera wewe yobukurahe ? nta nkurunziza nta babarundi aho muri hose mbona muzuye ubujuju gusa ubundi je mbona ntakundi warukwiye kuvuga aho yaba ari hose kwisi kuko mbona nabwenge mwigeze ntanubwo mugira ntanubwo muzokwigera hoshi hoshi hoshi epuuu

  • Projects za nyakwigendera bagaza

  • KARIBU SHA NYAKUBAHWA,KABARYE MBERE KAZA KARATANGUY,NTIWORABA UKUNTU SOGEA SATOM ET GETRA BAHAKOZ NEZA HOS NIGOUDRON! EKA NTANKUNGUGU IHARI.NIHEZA CN UBU.MURARE NEZA MUTA

  • @Rukoco(mbonerakunya)jewe FALCON nta mpungure ndi kurya mu rwanda jewe sindi mujeri,nzohangana n’imbonerakunya za nkurumbi gushika uburundi twikukiye,nkurumbi ari ikiziga.

  • Nukur Mwarimwaratevye Uraz ingene Ako Gasagara Ingenegashisha Nimurabe Mugerageze Nakare Kuntwaro Yacami Hataraza Ivyobisuma Niyoyar Umugwamukuru

  • Icifuzo Ciza hama jewe nashaka ko reta yoshira cane cane portike yayo mugisagara nka 5 gusa kugira abarundi imiriyoni 10 bose baje murivyo bisagara ahasigaye habe amashamba azoduha infungurwa

  • NYAKUBAHWAMUTWAREWIGIHUGUCACUCUBURUNDI.URAGAHOROKUNGOMAURABIKWIYE.WAGIYEKOHAGEZE.RAMBA..KOMERA.KUBIKOGWAUDUKORERA.TURABISHIMA.TUZOKOMEZADUSENGIMANA.NIYIZOGUMIGUTAKIVYIZA.UWOMUGWA.UGEZIGITEGA.IVYONIVYIWOBURIMWURATAKIGIHUGUCUCUBURUNDI.AMASENGESHONIYOYAMBERE.KUKONTAWUZOPFAADUKOREYE.NKIMIGAMBIWARANGUYE.TWEBWEABARUNDI.TUKORINYUMA.ABANKIVYUKORA.NINYANKABURUNDI.SHISHIKARIVYIZA!AHUBWOIMANIGUHEZAGIRE.YESAKUJIMBERE,AMINA:

  • @ Falcon, iyomvugo yawe niyoyerekana neza kuri Mujeri mbese imwe yanyariwe isigaye yaratuntuye nugufungura bisigaye aruguhatira kubera intuntu yuko ivyomwashaka kushikako vyababanye amazi, umvandakubwire muburundi nta Mbonerakunya zihari ariko hariho IMBONERAKURE , imvugoyawe bizogorana kugira uyivane muriba Mujeri kuko imvugiyawe irakuranga urumwe muri ba Mujeri.

  • Mwabuze ivyo mukoresha amahera y’Uburundi canke nukurondera ubundi buryo bwo kuyasahurira mu mifuko yanyu ?

  • Njye ndi mujeri Falcon. I Mahama mwikambe tumeze bon. Gusa ubuzima burakomeye. Ba Pacifique na Buyoya baratubeshe ngo duhunge ngo tuzajya muri America none wapi tubayeho nabi.

  • Ivyo je ndabishima kuko biratuma uburundi bugira ibisagara vyiza kandi nivyiza ko ibisagara biba ahantu hatorimirwa aho kurima naho tukahakura ibifungurwa vyinshi. nka karorero:igisara ca bujumbura nticari kuja harya kuko haraho kurima ubu tuba duhimbura umuceri ni myumbati. kanatsinda leta yarikwiye gutanga itegeko ko atamuntu akwiye kuba ahantu ho kurima.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.