Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Igiteramo ca Justin Bieber muri Oman cahagaritswe
 Igiteramo ca Justin Bieber muri Oman cahagaritswe
 Igiteramo ca Justin Bieber muri Oman cahagaritswe
				
				vendredi 19 Ndamukiza 2013
Igiteramo umuririmvyi  Justin Bieber yari afise muri Oman, carahagaritswe  gitIurumbuka  kubera imyifato  mbi  y’uwo muririmvyi.
Nk’uko vyatangajwe n’ikinyamakuru DailyStar, bavuga ko ubuyobozi bw’intango bwo muri Oman, aribwo bwaciye buhagarika ico giteramwo kubera imyifato mbi ya Bieber idahuye na gatoyi n’ukwemera kw’abasenga mw’idini ya isilamu.
Umwe mu barongozi  bo muri Oman, ari naho Justin yagomba kuzoririmbira, yagize ati, “Turababajwe no kubabwira ko igiteramo  ca Justin Bieber muri Oman  kitazoba kuko vyasabwe  n’uburongozi bw’intango muri Islam.
Imvo ni kubera uwo muririmvyi  akunda kwiyambika ubusa hejuru kandi abayisilamu bo  bakaba bavyanka cane kuko bidahuye n’ukwemera kwabo.
Mu gace Justin Bieber yari yateguruye kuririmbiramwo, abahaba benshi ni abayisilamu kandi ntibatahura ingene uwo musore yitwara ari navyo vyatumye uburongozi bwaho bubonako ico giteramwo gishobora kuba intandaro yo guhungabana kw’umutekano.
Ubuyobozi bw’intango ntibushaka ko Justin Bieber ahonyora ku butaka bwabo kubera ukuntu akunda kwiyambika ubusa igice co hejuru, bikaba vyohava vyonona urwaruka rwabo cane cane abakobwa.
Joel Sengurebe

