IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi basabwe kwiyamiriza abashaka gusubiza Uburundi mu bukoroni

Abarundi basabwe kwiyamiriza abashaka gusubiza Uburundi mu bukoroni

samedi 6 Myandagaro 2016, par Jean De Dieu

Mu gihe kuri uwu wa gatandatu, mu Burundi bahimbaza umunsi mukuru wahariwe amakomine, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asaba Abarundi gutegera ko mu budasa bwabo, bahamagariwe kwuzuzanya.

Abavukakomine basabwa gushira hamwe uburyo n’inguvu zabo, bubake amashure ku mitumba, amashure yisumbuye, amashure y’imyuga, amavuriro, amakaminuza, ama biro y’indongozi mu ntara, mu ma komine no ku mitumba, inzu z’amanama, ibibuga vyo kwinonora, amasoko, amasengero, ibigwati, hamwe n’amazi ya za rusengo.

Mw’ijambo ry’uwo munsi mukuru uhimbazwa kuwa gatandatu wa mbere w’ukwezi kw’umunani, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye Abarundi kwiyama hamwe n’ukwiyamiriza abo bose bashaka gusubiza Uburundi mu bukoroni, hamwe n’ukutunyaga Abarundi intahe yo kwikukira batsindiye bitoroshe.

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’IGIHUGU MU KWIGINA UMUSI WAHARIWE AMAKOMINE

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye aya mango, aho turamutse duhimbaza umusi mukuru wahariwe Amakomine mu gihugu cacu. Nihabwe icubahiro kirengeye vyose, natwe twese ituronse ingoga n’ishaka bikwiye ngo duteze imbere amakomine yacu, nkuko twavyiyemeje.

2. Muravyibuka, igihe twahimbaza isabukuru y’imyaka 50 yari irangiye igihugu cacu kironse intahe y’ukwikukira, ni ho twibutsa Abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi yuko ukwikukira gutegerezwa gukomera no gushigikirwa, ivyo bikabonekera mu bikorwa vyiza biteza imbere UBURUNDI BWACU.

3. Ico gihe Twaciye dushinga mbere yuko kuva uwo musi twokwama tugira umusi mukuru wahariwe Amakomine mu gihugu cose uko umwaka utashe, tugashimangira iyo ntahe twaronse bituruhije.
Turipfurije rero umusi mukuru mwiza w’amakomine Abarundi bose.

4. Kuri uno musi rero, abavuka-komine bose mwahamagariwe guhurira hamwe, ngo muramukanye amahoro, mwiginane, musangire agahiye, mwongere mwihwereze hamwe aho ibikorwa vy’iterambere rya Komine yanyu bigeze.

5. Nkako, nkuko Tudahengeshanya kubivuga, abenegihugu ni mwebwe iterambere rikomokako rikongera rikabagarukako, ku rwego urwo ari rwo rwose. Uko ni kwo kwikukira nyakuri, ari na co gituma icivugo ngenderwako c’uno musi kivuga kiti : « URUNANI N’URUKUNDO MU BAVUKAKOMINE, NI YO NZIRA IRASHE IDUSHIKANA KW’ITERAMBERE RIRAMA NO GUKUNDA IGIHUGU CACU. »

6. Duhimbaje uyu musi mukuru mu gihe mu gihugu cose hatunganijwe ibikorwa n’inyigisho zo gukunda igihugu ku rwaruka, ururi mu mashule n’urutiga, muri iki gihe c’ici. Tubasavye kurushigikira no kuruhimiriza.

7. Uyu musi mukuru w’amakomine turiko turahimbaza muri kano kanya, washinzwe mu ntumbero nyamukuru zitanu :

Ubwa mbere : gukomeza no kubungabunga intahe y’ukwikukira kw’igihugu cacu n’ukwikukira kwacu nyene.

Ubwa kabiri : Kuronsa akaryo abavuka-komine n’ababa muri iyo komine ngo bace irya n’ino ibibazo vyerekeye iterambere rya komine n’inyishu zapfunditswe, maze abarongoye abandi bagashikiriza ivyarangutse n’ibitashoboye kuranguka muri rusangi.

Ubwa gatatu : Gutsimbataza ingendo nziza y’intwaro ibereye, aho abatowe mu nzego, izo ari zo zose, babwirizwa gushikiriza ababatoye, ari bo benigihugu, aho bagejeje igikorwa co kubaja imbere mw’iterambere twese twipfuza , haba mu bijanye n’intwaro, ubutunzi, imibano , n’ibindi.

Indongozi ziraheza zigashikiriza imigambi mishasha yapfunditswe, abari aho bose bagakengurukira icese abarushije abandi kwitanga mu gikorwa co guteza imbere Komine.

Ubwa kane : Gukomeza umuco mwiza wamye uranga Abarundi, ubasaba gukunda i wabo no kuhateza imbere, urwaruka narwo rugakeburirwa gukunda ibikorwa no kwitangira igihugu carwibarutse.

Ubwa gatanu : kwiginana no kwunga ubumwe hagati y’abavukakomine n’abayiranguriramwo imirimo yabo ya misi yose, bose bakagira urunani rw’intamenwa mu guharanira amahoro, iterambere, ubutungane , ukwishira n’ukwizana kw’igihugu cacu.

« URUNANI N’URUKUNDO MU BAVUKAKOMINE, NI YO NZIRA IRASHE IDUSHIKANA KW’ITERAMBERE RIRAMA NO GUKUNDA IGIHUGU CACU.

8. Harageze yuko Abarundi duhindura ingendo, tukabandanya dukingira imico n’imigenzo myiza vyamye biranga ba sokuru, ariko kandi, tugakosora utu na turiya tutakijanye n’ibihe tugezemwo. Akarorero Twotanga ni nka kamwe katumye igihugu cacu kizingama, kubera abavuga ngo uwukize akira isuka, ngo uwukize akira i wabo.

9. Muri aka kanya turiko turahimbaza umusi mukuru w’amakomine turabararitse mwese ngo muzirikane yuko uwukize akiza iwabo, agakiza abiwe n’Abenegihugu ; ariko mwibuke kandi ko tubiri tuvurana ubupfu, na kare ngo ibigiye inama navyo bikagira Imana.

10. Umugani ngo inyakamwe inyaga imwe, ntiwariko urarikira Abasokuru kugira igitero mu gihe bagiye kwiba. Ihi bambe we ! Uwo mwibutsa usigura yuko ukuja hamwe vyongereza inkomezi abagiye ku gikorwa, ivyo na vyo bikaba vyiserura ku musi w’ikibiri, aho umusozi wose warimwa umusi umwe canke ibiri gusa.

JPEG - 23.7 ko
Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi

11. Nkuko ibwirizwa Shingiro ribiduhamagarira mu ngingo ya ryo ya 74, Umurundi wese ategerezwa gukora kugira twubake igihugu cacu twongere tugiteze imbere. Turahimbawe n’uko Abarundi benshi bari ku kivi, na cane cane ukuntu bitaho ibikorwa rusangi. Ivyo navyo bikaba vyatumye iterambere rusangi ryiyongera mu mwanya muto cane ugereranije n’aho twavuye. Nkuko twabishikirije kandi bigaragara, kuva umugambi w’ibikorwa rusangi utanguye kuja mu ngiro, ibintu vyinshi biva mu maboko yacu, kandi iterambere riragaragara mu makomine yose.

12. Nidutegere ko mu budasa bwacu, duhamagariwe kwuzuzanya. Abavukakomine duhaguruke dushire hamwe uburyo n’inguvu zacu, twubake amashure ku mitumba, amashure yisumbuye, amashure y’imyuga, amavuriro, amakaminuza, ama biro y’indongozi mu ntara, mu ma komine no ku mitumba, inzu z’amanama, ibibuga vyo kwinonora, amasoko, amasengero, ibigwati, amazi ya za rusengo, kubakira abatishoboye, n’ibindi.

13. Ivyo vyose abenegihugu basigaye bavyiyubakira ubwabo ahatari hake, ku buryo hari bimwe vyubatswe mu myaka 45 vyagwijwe na 4 canke 5 mu vyo twari dufise mu myaka umunani gusa.

14. Turabararitse ngo murushirize kwiyumvamwo igihugu cacu, mwiteho iterambere ryaco, abakivukamwo n’abagisavyemwo indaro, maze mushigikire ico cose kizanira ineza abenegihugu.

15. Turabasavye rero dushimitse ngo ubuzima bwa komine yanyu mubufate nka nkama, ntihagire uwikumira ngo yigire sindabibazwa yitwaje aho akora, imyaka, ubwoko, idini, umugambwe canke ibindi. Umwe wese natange ico ashoboye, Leta nayo izoheza ibunganire mu vyo mudashoboye.

16. Ku bitwerekeye, Leta Turongoye ntizodohoka ku ngendo nziza y’uko hama hariko haramenyeshwa ibiriko birarangurwa ku nzego zose. Umwe wese amenye ko ategerezwa kumenyesha uko ibintu biriko birarangurwa, maze ivyashitsweko bironke amanota, gutyo dukundishe kandi dukunde ibikorwa n’igihugu cacu.

17. Imbere yo kurangiza rino jambo, Twashaka gukeza no kwibutsa indongozi za Komine duheruka kwitorera ngo zame na ntaryo ziri imbere mu rugamba rwo kwubaka komine irangwa mwo amahoro n’umutekano, Komine igendera koko intahe y’ukwikukira, igashigikira ingingo n’ijambo ; Komine iharanira ubutungane kuri bose, Komine iharanira iterambere rya bose , Komine ifise izina mu ntara, mu gihugu cacu c’Uburundi, mu makungu, na cane cane imbere y’Imana yayiremye.

18. Turabararikiye kandi gukomeza ya makomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, tukama tuzitira tutaronerwa. Aho ayo makomite atifashe neza, yikebuke, abagoyagoya basubirizwe mu gihe bikenewe.

19. Muri ivyo vyose uruhara rw’izindi nzego ziherutse gutorwa nk’Umukuru w’Igihugu na Leta yiwe, Abashingamateka, Abakenguzamateka, eka na twebwe twese hamwe, ni ugukura amaboko mu mpuzu, tukanarushiriza uko vyahora gukomeza urukundo hagati y’abarundi, no kugira urunani mu gushigikira inzego zitorewe n’abenegihugu, maze amakomine yose asagwe n’urweze, ubumwe, amahoro, umutekano, ubutungane n’iterambere rirama.

20. Twiyame kandi twiyamirize abo bose bashaka kudusubiza mu bukoroni no kutunyaga intahe yo kwikukira twatsindiye bitoroshe.

21. Dusozereye dusubira gushimira abateguye uno musi mukuru, tukipfuriza abarundi bose umusi mukuru mwiza w’amakomine.

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI,
MURAKOZE


IGIHE

Messages

  • komera mutama wacu niwubahwe kandi nabarundi twubahirinzwe mugihugu cacu niwiranbire tukurinyuma

  • Ego mutama wacu turabakunda caaane,uno munsi twebwe abanyagisagara twabikoreye mumakomine twe twari muri mukaza zone ya bwiza harya iruhande yo kwijabe kuri mutoyi,amahoro niho nkibona ko ahari kweli niha nakoreye vyari biryoshe hari abanyenicubahiro benshi abavuka komine nka 1er vice president

  • Ego mutama wacu turabakunda caaane,uno munsi twebwe abanyagisagara twabikoreye mumakomine twe twari muri mukaza zone ya bwiza harya iruhande yo kwijabe kuri mutoyi,amahoro niho nkibona ko ahari kweli niha nakoreye vyari biryoshe hari abanyenicubahiro benshi abavuka komine nka 1er vice president

  • Dushimire cane abo iki ciyumviro gikomokako. Ubwa mbere Nyene icubahiro uwiguze democratie Nyakwigendera NDADAYE Melchior.

    Abavuka muri commune Nyabihanga, ndabatumiriye kwikebuka, ni akamaramaza kubona amabarabara ija muri commune yi’incungu ya democratie ameze uko ari muri iki gihe. Birateye isoni.

  • Mimwirambire Mutama Imana Ibaje Imbere Mubime Amatwi

  • KOMERA MUTAMA TWEBWE MURUMONGE NTITWATAZWE KANDI BIMEZE NEZA ARIKO TURASAVYE UZE URABAVUGA ABO BASHAKA KUTUNYAGA INTAHE YOKWIKUKIRA MWIZINA BAMENYE KOTUBIZI CANKE TUBAZI

  • KOMERA MUTAMA TWEBWE MURUMONGE NTITWATAZWE KANDI BIMEZE NEZA ARIKO TURASAVYE UZE URABAVUGA ABO BASHAKA KUTUNYAGA INTAHE YOKWIKUKIRA MWIZINA BAMENYE KOTUBIZI CANKE TUBAZI

  • Nyakubahwa Président ntiturikukira kuko iyo tuza kuba twarikukiye ntitwobaye dutuka u Rwanda kandi aribo badufashije kwishura contribution yo kwinjira muri Eastern African Community (EAC),bakatuzimiriza Isoko rya Bujumbura n’ibindi vyinshi, murakoze

  • nibyo gushyira hamwe niwo musingi witerambere

  • NYAKUBAHWA NIWIRANBIR ABARUNDISINZI TUKURINYUMA MUBIKORWA VYOOSE UKORERIGIHUGU CACU ABAROTA KUTUNYAGA UKWIKUKIRA NINDOTO ABARUNDI TURARWANIRIGIHUGU ABANSI TUKABAFATA NPIRI CARATUVUNYE TUZOGIKORERA TUGWANYUMWANSI TUTARAVYUBWOKO NICOBOBA BARI TUZOKORANA NABUBAHA UKWIKUKIRA KUBURUNDI GUMA KWIVORA.

  • Ubuse avuzi ki ? Mubyo avuze ntagicyemura ibibazo mulimo. Ababwiye ko alomwe mugomba kibirangiza kandi aliwe wabiteye. Arahaze mwe inzara ibatema igifu.. namwe no irambire mutama . Mwaralindagiye.

  • nivyiz can abarundi turans gusbir mubukoroni

  • None nkatwebwe abadanji twahora turangura mubugande .urwanda rudupfuye agasoni ntirwugare hoho twojayo namaguru?

  • Sukubiyamiriza gusa ahubwo nukubamesa komera komera nyenigihugu uwuzogukomakoma ntakundi nikuryanyene isabuni ziruzuye nukumesura ubucafu

  • Tugeze habi twabuze nama tickets yo kuja mu nkino za Gisirikare zatangiye ejo mu Rwanda,ibihugu vyose vyo muri EAC biri mu Rwanda,Mana garukira u Bdi

  • Nukomere Mutama Wacu.Turakwemera Nkabarundi Twemeye Kubaka Urunani Rwintamenwa.Kwikukira Twarikukiye Mugabo Kino Gihugu Kigihugu C’urwanda Ndabona Gishaka Kutwaka Iyo Ntahe Mugabo Abarundi Kubera Dufise Urunani Rwintamenwa Ntaho Bazoduca.Wirambire Nyakubahwa Mukuru Wacu Guma Kwivora.

  • NUKUBIYAMIRIZA IZONTUNVA NZIRIKANA WARAVUZEKO AMASEYAKERA ADAHOMA URUTARO KANDI BATUBANDANIJE TWEBWE ABANYA.GIHUGUTUZOBITAKO AHOBADUHEREYE

  • NUKUBIYAMIRIZA IZONTUNVA NZIRIKANA WARAVUZEKO AMASEYAKERA ADAHOMA URUTARO KANDI BATUBANDANIJE TWEBWE ABANYA.GIHUGUTUZOBITAKO AHOBADUHEREYE

  • Komera Mutama Urambe Nkigisabisho!! Turinyuma Yawe Abarundi Bumutima,

  • Komera Mutama Urambe Nkigisabisho!! Turinyuma Yawe Abarundi Bumutima,

  • Papa Burundi H E Petero Nkurunziza.
    Akundabarundi agakunda ubumwe uwoni Petero Nkurunziza,
    Waraje muburundi amahoro araboneka abanyagihugu turiruhutsa oho Petero Nkurunziza .........

  • @LiLi (indaya karahabutaka. Niko wagashwi we politique yabarundi kuki muyivangamo. Naho utaniye na so wanyu ( inkoramaraso kagame)

  • TURAKENGURUTSE IRI JAMBO.NI HARAMBE IBIKORWA NITERAMBERE MWIKOMINE YACU.

  • Inzara iraje ibereke,hahaha!muhemukiye abadandaza banyu cyane.abayobozi ntagihombo bagira kereka aribo badandaza.hanyuma se,ama coisteurs Ya Volcano mwayarekuye agataha.Igihugu cyanyu gikwiye amasengesho

  • Abo basilikare biburundi babuze tickets ibazana gukina bavuge twohereze Rwandair ntabwo tubishuza kuko ntayo mufite...nayo twabahaye yo muli africa yubuseruko mwarayabuze ..muli indushyi zo gufashwa.

  • Ewe peter bandanya wirira ama soupageti ava mubu taliyano nayo ifu yibigori iva mu rwanda yaritunze abarundi benshi, ivyo ntibikuraba nakazi kabo. Ico nicemezo ca CNND FDD co kwicisha abanyagihugu inzara kugira babure inguvu zo kuja mumabarabara.

  • empty message to burundian. ariko je ndafise ikibazo. nkurunziza ntagira umuntu umutegurira amajambo canke uyategura ni nka sebuja. ubu koroni avuga nubuhe buruta ubwo uburundi burimo. ntibakimenya gukaraba, abahora babibatoza barabagandaguye. eeh weee Bikomagu will always remain in our mind and heart.ntanundi uburundi buzigera bubona umushingantahe nkawe

  • @lili. kubona wa karaya we wirwa wivanga muri politique yabarundi. ubwo urashaka ngo mubice nkuko mwamaze abahutu bo mu RWANDA abasigaye mukabakona. nukuri wowe Lili umeze nka nyoko wanyu KANJOGERA.

  • Peter c’est le président àdomicile

  • Ngwabarundi basabwe kwiyamiriza abashaka kugumiza abarundi mubukene

  • Abo badandaji nibagende kurangurira muri tanzaniya, kandi bashobora guca muri tanzaniya bagiye i bugande , none mwodandaza mutagira securité. Nukurya bike mukaryama kare, nimureke gukunda amafaranga ngo mwiyibagire, ntahandi mwoca atari mu rwanda, canke ntahandi mworangurira atari i bugande; abanyekomine ni mukorere hamwe mwubake komine yanyu, bumba amatafari namategura, kuko akimuhana kaza imvura ihise.
    U mukuru w’ igihugu cacu yarivumereye, yabahanuye. Ariko abogora igihugu cari carabaye nabi ubu iterambere ryaraje; umukuru wigihugu turamukunda kuko araduhanura, akanadukingira, yaratwihebeye, nukwama tumusengera.

  • Abantu bagurisha inzara na genocide, ntanzara iri mubanyagihugu ba mureka kubesha , abarwaye kwashi mubabonahe, nimba bari iwanyu, umuntu imiduduga igenda yuzuye amakamyo uzuye imfungurwa zigiye murwanda, no muri tanzaniya, none ivyahora bija murwanda nibiki, yaramatafari bapakiye ? NIVYIGUMIRE MUBURUNDI NONEHO, isi yacu irimwo ibiryo, inzahabu, vyinshi ntidushobora kwicwa ninzara. Indege yokuzimya tuzoyigurira; muraguma iwanyu natwe tugume iwacu; ntaco duhomba, dufise vyose, plage, tanganyika, ariko mwebwe mufise imisozi gusa. Ariko no shima twongeye tugakundana kuko imana niko ibishaka, ariko mwanse naho ntakundi turazibira.

  • @neutre uransekeje kabisa ngo indege yo kuzimya bazayigurira haahahaha niyo mwari mufite nkurunziza yarayigurishije ndibazako ubizi usoko rikuru rya Bujumbura niwe waritwitse kugira arihe abanyamahanga bahubake urumva ikindi zahabu mufise nizihe? zibamariye iki? umunwa gusagusa ntakindi
    uwo wiyita turaje Uzi izina turaje ahoriva? turaje ntatukana nkuko utukana ahubwo atanga ibitekerezo bizima byuka
    lili komeza ujye ubabwira bazumva kandi nibatumva bazumvira ijeri
    thanks.

  • Ariko ni mugihe reka Peter afunge ko nawe ahora yifungiranye mu nzu. Nzamwemera niyongera gusohoka mu gihugu cye.... C’est un président àdomicile ..... Hhhhhhh ngo mufite tanganganyika? Hhhhhhh ibamariye iki ko umuntu aza ibujumbura hashize imyaka 10 agasanga ntacyahindutse ntagito. Ngo muzajya muca Tanzania mujya Uganda? Hhhhhhhhh Akumiro ni itushi koko!!!!! Umenya uyu muntu uvuga ibi atarasohoka uburundi ngo amenye inzira ijya uganda yahafi

  • Uwo Mubegito Ngo Nihicyuburundi ! Ngo Yakenye Itik Ryokujya Kwifashanya Na Gacamunyo

  • Uwo Mubegito Ngo Nihicyuburundi ! Ngo Yakenye Itik Ryokujya Kwifashanya Na Gacamunyo

  • kuva Bujumbura ugera dar salam imodoka ikoresha iminsi 4 , kuva dar salam ugera Kampala iminsi 3 , noneho kora retour usubire Bujumbura waciye darsalam ?
    mushatse mwatuza tukabana neza mubworoherane.

  • Komera Kumuheto Mutama Wacu P. Nkurunziza Turagushigikiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.