IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ikambi ya Mtabila y’impuzi z’abarundi iri muri Tanzaniya yarugawe

Ikambi ya Mtabila y’impuzi z’abarundi iri muri Tanzaniya yarugawe

lundi 24 Kigarama 2012

Nta murundi n’umwe asigaye mw’ikambi y’impunzi y’i Mtabila muri Tanzaniya. Bose barahungutse ku nguvu, iyo kambi nayo yarugawe burundu.

Imvugo yajanye n’ingiro. U Burundi, Tanzaniya n’ishirahamwe munzamakungu HCR riraba impunzi vyari vyiyemeje ko italike 31 Kigarama 2012 ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Mtabila izoba yugawe burundi. Niko vyagenze. Impunzi zose zirenga ibihumbi 34 zaratahutse.

Inama yo kubatahukana yabereye i Geneve mu gihugu c’u Buswise italike 8 Gitugutu uyu mwaka. Aho ni mugihe kuva mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka iahiramwe HCR ryatse urenganzira bwo kwitwa impunzi abo barundi bose bari bakiri muri Tanzaniya mw ‘ikambi ya Mtabila.

Bose barashikanywe mu Burundi mu ntara bavamwo kugira basubire mu matongo yabo.
Izo mpunzi nka zose zari zahunze intambara yo mu mwaka w’1972 abandi mu mwaka w’1993.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.