Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ikibazo co gukora ku bagore muri Arabia Saudite
 Ikibazo co gukora ku bagore muri Arabia Saudite
 Ikibazo co gukora ku bagore muri Arabia Saudite
				
				mercredi 29 Rusama 2013
Abdullah Mohammed Al Dawood yahamagariye abantu abicishije ku rubuga rwa twitter, gukorera ihohoterwa rifatiye ku gitsina abagore bakora mu buzi buri ahagaragara nko kwakira amafaranga mu mabanki.
Abdullah Mohammed Al Dawood agereranya kureka abo bagore bakaja mu mirimo nk’urudandazwa rw’abantu. Amajana n’amajana y’abishuye kur’ayo majambo yiwe bagaragaje agashavu no kutemera n’ivyiyumviro vyiwe, n’ubwo hari bake bamushigikiye.
Mu minsi iheze, abagore bo muri Arabia Saudite baherutse kwemererwa gukora mu maduka, ivyo bikaba vyarashavuje abagendera ku vyiyumviro vya kera.
Floxella Karire
