IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ibihangange mu muziki w’Uburundi, umurwi Goodlife na Jaguar barabiciye (...)

Ibihangange mu muziki w’Uburundi, umurwi Goodlife na Jaguar barabiciye biracika

dimanche 23 Ntwarante 2014

Ikigo c’ishure ryo mu Nyakabiga Efi canke Lycée Scheppers de Nyakabiga caraye gitewe iteka ryo kwakira igiteramo kibaye ica mbere citabwe n’abantu benshi muri uno mwaka w’2014. Hari mu ntumbero yo gushira ahabona umurongo rishasha Smart, rigiye gukorera mu bihugu vyo mu karere Uburundi burimwo no mu makungu.

Ku mugoroba w’uwo wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante harabaye igiteramo kidasanzwe kibaye ica mbere citabwe n’abantu isinzi bagwiriyemwo urwaruka hamwe n’abakuze. Ico giteramo cari gitumiwemwo bamwe mu bihangange vy’abaririmvyi b’Abarundi hamwe n’abandi bavuye mu bihugu vya Kenya na Uganda.

Rally Jo, Black G, Happy Famba, The Cousins, Mkombozi, na Big Fizzo ni ibihangange mu muziki w’Uburundi. Abo bonyene igiteramo bohuriramwo n’abana bonka ntibosiba. Reka twongereko umurwi w’abaririmvyi bava mu Buganda witwa "Goodlife", dushireko na Jaguar wo muri Kenya. Ico giteramwo woheza ukacita gute?

Weasel na Radio

Kuva rero igihe c’isaha imwe y’ijoro irenga (19h00), abaririmvyi ba mbere nka Rally Jo yaramaze kuja ku ruhimbi (podium), uko umwanya wahera niko umuziki waguma uryoha, abantu bashika nk’ibihumbi cumi baraho, uko umuririmvyi yatera n’abo baritabira wamenga indirimbo baziteguriye hamwe. Akaruru hirya no hino, abaraho mu munezero udasanzwe, batamba batarika.

Aho hose abaririmvyi bamwe bariko baganiriza bagenzi babo twababwiye aho bari bicaye mu bwugamo babateguriye, abakunzi baba Weasel na Radio hamwe n’aba Jaguar baguma baja kubashengerera aho bari bicaye barindiriye kuja ku ruhimbi.

Big Fizzo niwe yagiye gusa n’uwuhaye inzira aba Goodlife, mwomenyako Fizzo yari aje yakenyereye ico giteramo cari categuwe n’umuhora wa Smart ufise icivugo "Let’s Talk" kuko umuravye warabonako nawe nyene akiryoherewe, eka n’abandi baririmvyi nka Happy Famba yavuye ku ruhimbi agasimbira mu bakunzi biwe baraho.

Ehe! rero Weasel na Radio baratoye Micro, abaraho warabona ko bakunda cane uwo murwi wa Goodlife, ururirimbo ku rundi, eka mu ndirimbo baririmba wamenga barazi izikundwa n’Abarundi, kuko baratera abaraho bakitabira. ariko harageze igihe Radio asaba abaraho ko bobafasha bagatamba batarika.

Mwomenya ko umuririmvyi Jaguar yari yaje aherekejwe n’uwukora indirimbo ziwe "Producer" yitwa Enosi Luc, uwo niwe yakoze indirimbo nka "Kigeugeu" n’izindi nka "Kipepewo". Tuvuganye yavuze ko igiteramo kiryoshe cane ko n’abaririmvyi b’abarundi bashoboye kuko n’igihe ba Weasel na Radio batari bwaririmbe, abari aho bari baryohewe cane.

JPEG - 36.3 ko
Enosi, umuhinyanyuzi w’indirimbo za Jaguar

Mwomenya ko kwinjira muri ico giteramo yari amafaranga y’amarundi ibihumbi bibiri (2000frbu), ariko amatike yaheze kare kuko abantu bari benshi cane n’imiduga myinshi hanze. Aho baboneye amatike aheze atako bari bubigire, bahavuye bareka abantu barinjira baje kwinezererwa.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.