IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikinyamakuru kivugwamwo itangwa ry’amasoko ya Reta catangujwe

Ikinyamakuru kivugwamwo itangwa ry’amasoko ya Reta catangujwe

mercredi 9 Ntwarante 2016, par egide

Ikigo ARMP (Autorité de Régulation des Marchés Publics) kijejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta, catanguje ikinyamakuru kizohora kivugwamwo itangwa ry’amasoko ya Reta.

Ibikorwa vy’ico kinyamakuru vyatangujwe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 8 Ntwarante 2016, bikaba vyatangujwe na Edouard NZIGAMASABO, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta (Autorité de Régulation des Marchés Publics).

Edouard NZIGAMASABO yamenyesheje ko amategeko agenga itangwa ry’amasoko mu Burundi, mu ngingo yayo ya 47, ategekanya ishirwaho ry’ikinyamakuru kivugwamwo itangwa ry’amasoko ya Reta, akavuga ko ico kinyamakuru kije gufasha mu bijanye n’intwaro ibereye muri ico kigo, ugukorera ku mugaragaro, hamwe n’uguhabwa amahirwe angana y’uguhiganirwa amasoko ya Reta.

Nk’uko uwo arongoye ikigo ARMP (Autorité de Régulation des Marchés Publics) abisigura, ico kinyamakuru kizofasha kumenyesha amasoko Reta iriko iratanga, hamwe n’ibisabwa vyose kugira abahiganwa bakwize ivyangombwa vy’uguhiganwa.

Edouard NZIGAMASABO, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta amenyesha ko mu kinyamakuru Le Renouveau bavuga itangwa ry’akazi gusa, hamwe n’ayandi makuru, ariko itangwa ry’amasoko ntirironke umwanya n’ikibanza bikwiriye, muri ARMP bakabona ko mu gutanguza ico kinyamakuru gishasha ari intambwe nziza itewe haba ku batanga amasoko, hamwe no ku bayahiganirwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.