IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikiringo c’ukwiyandikisha ku banyeshure bahagaritse ivyigwa casubiriye (...)

Ikiringo c’ukwiyandikisha ku banyeshure bahagaritse ivyigwa casubiriye kwongerezwa

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bongewe ikiringo c’ukwiyandikihsa, gushika kuwa 11 Ndamukiza, nk’uko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi.

Mu gihe ikiringo cahawe abanyeshure c’’ukwiyandikisha caraye kirangiye kuri uwu wa kabiri, ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwongeye kandi ikiringo c’ukwiyandikisha kuri abo banyeshure bari bahagaritse ivyigwa. Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko biteguriye kuganira nabo banyeshure, mu gihe bokwemera bagasubira ku mashure.

Abanyeshure bari biyandikishije, kuri uno wa gatatu, ntibitavye akamo bari batewe ko kuja mu mashure. Mu bigo vya kaminuza za Reta, kuri uwu wa gatatu nta banyeshure baharangwa, no mu mashure ntabari bariyo.

JPEG - 310.1 ko
Joseph Butore, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi (PHOTO : ISANGANIRO)

Muri ukwo kutumvikana hagati y’abanyeshure n’ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, inama nkuru y’urwaruka (Conseil National de la Jeunesse du Burundi) yasohoye itangazo yerekana aho ihagaze ku vyerekeye ingorane ziri muri kaminuza. Jean Petit Ndikumasabo asanzwe arongoye urwo rwego avuga ko Reta ariyo ifise urufunguruzo rw’ingorane ziri muri kaminuza za Reta.
Iyo nama nkuru y’urwaruka isaba abo banyeshure gukurikiza amategeko, hamwe n’ukwubaha abategetsi. Umukuru w’iyo nama, Jean Petit Ndikumasabo asaba abanyeshure kutadadaza, ubuyobozi bwa kaminuza n’ubushakashatsi nabwo bworaba icatumye hafatwa iyo ngingo yo gusubiramwo uko agafashanyo kazotangwa.

Iyo nama nkuru y’urwaruka isaba kandi Reta gukurikiza inzira y’ibiganiro bariko basabwa n’abo banyeshure, nk’uko biri muri iryo tangazo ryateweko igikumu na Jean Petit Ndikumasabo ryo kuwa 1 Ndamukiza. Agira ati : "Ibintu ntivyari kuyangara, iyo izo ngingo zose zafatwa zibanje gusigurirwa abo vyega bose." Arangiza agira ati : "Naho Reta yoba ifise ibibazo, nibanze isigurire abo vyega bose imbere y’ugufata ingingo."

JPEG - 631.3 ko
Itangazo ry’inama nkuru y’urwaruka mu Burundi

Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.