Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo igera ku miriyoni 5,3 z’amadorari yaratanzwe na Leta Zunzubumwe (...)
 Imfashanyo igera ku miriyoni 5,3 z’amadorari yaratanzwe na Leta Zunzubumwe z’Amerika
 Imfashanyo igera ku miriyoni 5,3 z’amadorari yaratanzwe na Leta Zunzubumwe z’Amerika
				
				samedi 7 Nyakanga 2013
Leta Zunzubumwe z’Amerika icishije ku buserukizi bwayo yarahaye ingabire Leta y ‘Uburundi igera ku miriyoni 5,3 z’amadorare. Ingabire igamije kugura ibikoresho vy’igisoda. Iyo mfashanyo yatanzwe kuri uyu wa 6 Nyakanga 2013.
Iyo ngabire igera ku miriyioni 5,3 z’amadorari y’abanyamerika izofasha mu gushigikira abasirikare b’abarundi bazoja gufasha kugarukana amahoro muri Somaliya. Kubwo uwuserukira Leta Zunzubumwe z’Amerika mu Burundi, Dawn Liberi , iyo ngabire yerekana imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi hamwe na Leta Zunzubumwe z’Amerika.
 
- Dawn Liberi
Dawn Liberi arashima kandi ukwitanga kwerekanwa n’abasirikare b’abarundi mu gikorwa cabo co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya . Icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto mu Burundi, General Majoro Fabien Nzisabira, akaba yarashimiye cane Leta Zunzubumwe z’Amerika zo zidahengeshanya gufasha igisirikare c’gihugu c’Uburundi .
KARIRE Floxella
