IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi zababa 1500 ziramaze guhunguka

Impunzi zababa 1500 ziramaze guhunguka

mercredi 6 Rusama 2015

Abarundi bababa 1500 nibo bamaze guhunguka bava mu gihugu c’Urwanda inyuma y’ukwezi bamwe bahungiye muri ico gihugu nk’uko bivugwa na buramatari w’intara ya Kirundo.

Abamaze kumenyekana ko bahungutse bagasubira mu ngo zabo hafi ya bose bava mu ntara ya Kirundo, bakaba bataha baciye ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda ahitwa Munzenze, mu ntara yo mu Burasirazuba.

Umwe mu Barundi batigeze bahunga yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko hari imiryango imaze guhunguka, akavuga kandi ko hari abari barahunze bahora bagaruka mu gihugu, kuraba ivyo basize, na cane cane ababa hafi y’Urwanda.

Umunyagihugu ava muri Komine ya Busoni yavuze ko bari bahunze bafatiye ku makuru y’ibihuha, kuko bibaza ko hashobora kwaduka intambara mu minsi ya vuba.
Nk’uko umwe mu bahungutse abivuga, hari abasubiyeyo kuko batinya gukurwa mu kazi abandi nabo bakanka gucira amashuri hagati, kuko bahunze bahora biga mu mashuri kandi umwaka w’ishuri ukaba wari wimirije guhera.

Buramatari w’Intara ya Kirundo, Révérien Nzigamasabo, yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko abamaze guhunguka bababa 1500, ahanini bagizwe n’ abo mu Kirundo, Bugabira na Busoni, kandi basanze abo basize mu gihugu barabandanije akazi kabo nk’uko bisanzwe.

Umwe mu banyagihugu batahunze yemenyesheje ko hari impunzi zari zisanzwe zijabuka mu Burundi ku mutaga, zigasubira mw’ikambi y’impunzi mu Rwanda ku mugoroba. Gushika ubu Urwanda, rumaze kwakira impunzi z’abarundi zishika 25000, muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo naho hari abababa 7000.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Aharero ba Pacifique, bacabababarako abarundi batanguye kwigarukira mugihugucabo bavuyemwo kubera ibihuha vya Pacifique nabobakorana!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.