IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Impunzi zari i Cishemere ubu zigeze mu Cankuzo

Impunzi zari i Cishemere ubu zigeze mu Cankuzo

mardi 3 Nyakanga 2013

Mw’ikambi y’i Cishemere mu ntara ya Cibitoke, aho impunzi z’abanyekongo zisanzwe zishikira iziza gusaba ubuhungiro mu Burundi, muri iyi minsi izo mpunzi zose zaramaze gushikanwa mw’iakambi y’impunzi yo mu Kavumu mu ntara ya Cankuzo, abashatse nabo, barisubiriye iwabo ku bushake bwabo.

Kuva kw’igenekerezo rya mbere z’ukwezi kwa Myandagaro, impunzi z’abakongomani zigera ku 1373 nibo basavye ubuhungiro, abo nabo baca bajanwa mw’ikambi y’impunzi y’i Cishemere. Muri abo rero, imiryango 32, igizwe n’abantu 144, nibo basavye kwisubirira ku bushake bwabo mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Muri izo mpunzi rero, hakaba haraharuwemwo impunzi z’abarundi igera 322, mu rusasuma rwagizwe kw’igenekerezo rya 21 Myandagaro uyu mwaka. Bamwe baje bava mu micungararo iri hafi y’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, mu gihe abandi bari baje nava muri ico gihugu aho bari barahungiye.

Muri irwo rusasuma nyene, hari abantu bashika kuri 79 bari bakeneye gufashwa cane. Muri bo, harimwo 13 bari abana bahunze atamiryango yabo barikumwe. Abo bose bakaba baciye barungikirwa ishirahamwe Croix Rouge, imbere y’uko bimurirwa ahandi. Muri abo bana rero, 6 baciye bahabwa imiryango yabo yari mw’ikambi yo mu Kavumu, 22 babapfakazi n’abakenyezi batatu bamerewe nabi, inkomere imwe yo mu ngwano n’abandi 36 bafise ingorane z’amagara, kandi bakeneye kwitabwaho.

Muri izo mpunzi kandi, 38 barapimwe indwara. Muri abo abana 17 bari munsi y’imyaka 5. Muri abo, batanu bafise malaria, batandatu bacibwamwo, 10 bafise ingorane z’uguhema nabi. Muri abo kandi hakaba harimwo abapfasoni bane, baciye banyarukanwa mu bitaro vyo mu cibitoke, kugira bavurwe ningoga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.