IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka 53 Uburundi bwikukiye, abarundi babandanya guhunga

Imyaka 53 Uburundi bwikukiye, abarundi babandanya guhunga

mercredi 1er Mukakaro 2015

Mu gihe Uburundi buriko burahimbaza imyika 53 bwikukiye, umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, bateguriwe ivyicaro.

Nk’uko ibirori vyateguwe, abo banyacubahiro baheruka gukura meza, bavuga ko batobandanya bashigikira umukuru w’igihugu mu guhonyanga ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha, abo nabo bakaba babikiwe ibibanza vy’iteka co kimwe n’abatambukanyi babo, abo nabo, bikaba bizwi ko bahunze igihugu, bose bari mu gihugu c’Ububirigi.

Ibirori rero vyo kwibuka imyaka 53 Uburundi bwikukiye bikaba bishitse mu gihe mu gihugu hari icuka kibi, bivanye n’abariko bararwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ico kiringo naco, bikaboneka ko kirwanywa n’abantu batandukanye, harimwo amakungu, abari mu migambwe itandukanye, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD ubwabo, bariko baravuga ko ico kiringo kitubahirije amategeko.

Mu mugambwe uri ku butegetsi no mu migambwe bacuditse, bavuga ko ari ukwubahiriza uwbigenge bw’igihugu, na cane cane ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yamaze guca urubanza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.