IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > BMD : Agaciro k’impamyabushobozi ntikitezwe kumenyekana mu nama rukokoma (...)

BMD : Agaciro k’impamyabushobozi ntikitezwe kumenyekana mu nama rukokoma y’indero

jeudi 4 Kigarama 2014

Abanyeshure bo muma kaminuza ntibokwitega ko bazova mu nama rukokoma y’indero bamenye agaciro k’impamyabushobozi bazoronswa mu ndinganizo nshasha z’inyigisho BMD (baccalaureat-master-doctorat).

Ivyo bishikirizwa n’umwigisha muri za kaminuza, akaba asanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa w’umurwi w’igihugu ujejwe amakaminuza, Sylvie Hatungimana. Yatanze icigwa ku vyerekeye uburyo bushasha bwo guhingura inyigisho muma kaminuza mu nama rukokoma y’indero.

Ku munsi ugira kabiri w’inama rukokoma y’indero, inyuma y’icigwa cashikirijwe n’umupfasoni Sylvie Hatungimana yerekana uko ubuhinga bushasha mu nyigisho za kaminuza zifashe muri kino gihe, umunyeshure yaserukiye abandi muri kaminuza y’Uburundi, Simon Marie Rurasuma yavuze ko atanyuzwe n’insiguro zatanzwe ku vyerekeye agaciro k’impamyabushobozi mu nyigisho nshasha BMD, mu gihe uwo munyeshure yari afise icizere ko iyo nama rukokoma iza kurangira amenye agaciro k’iyo mpamyabushobozi.

Umwigisha Sylvie Hatungimana yavuze ko bidashoboka ko bazova muri iyo nama bamenye agaciro k’iyo mpamyabushobozi. Avuga ko umurwi wa mbere washinzwe uriko uraheraheza igikorwa co kuraba uburemere bw’ivyirwa vyo mu buryo bushasha bitunganijwe, ugereranije n’uburyo bwa kera. Inyuma y’aho, hazoca haba umurwi wa kabiri, uwo nawo ukazohuza ubushikiranganji bw’amakaminuza n’ubushakashatsi, ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ubw’abakozi n’akazi hamwe n’ubw’ikigega ca Reta niwo uzoca ushinga agaciro k’iyo mpamyabushobozi izohabwa abo banyeshure buca baheza igice c’inyigisho bita baccalauréat, bakazoraba uko abanyeshure bazopimirwa baravye ubumenyi baronse.

Tubamenyeshe ko ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, abo begwa n’ikibazo c’indero basigaye mu mirwi biga ibibazo bitandukanye, hariho no guhanahana ivyiyumviro ku cerekeye iyo mpamyabushobozi yohabwa abo banyeshure.

Tubibutse ko abo banyeshure bo muma kaminuza ya Reta bamaze amezi abiri muri yegereyegere basaba ubushikiranganji bw’amakaminuza kubamenyesha impamyabushobozi bazoronka muri izo nyigisho nshasha hamwe n’agaciro kayo. Iyo yegereyegere bari batanguye bari kumwe n’abagenzi babo bo muma kaminuza z’abigenga baheza bakuramwo akarenge. Abo banyeshure bo muma kaminuza ya Reta, kaminuza y’Uburundi na ENS bobo bakaba baherutse kumenyesha ko batarota basubira ku mashure mu gihe ivyo basaba bizoba bitaratorerwa umuti.


Floxella karire

Messages

  • inyigisho zo mu burundi ziriko zita agaciro. si ukubera impamyabushobozi ahubbwo kubura akazi canke imitahe yo gukoresha iyo umuntu ahejj amashure yiwe. nta kazi kahari be nubukene buratwishe. amanota bahuma bayagwiza bigatuma kaminuza kuyihonyoramwo bigoye. ivyo bintu vyo guha amanota abana batayakoreye sivyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.