Accueil > Amakuru > Amashuri > Inda z’ishushu zabaye ndanse mu mashure
 Inda z’ishushu zabaye ndanse mu mashure
 Inda z’ishushu zabaye ndanse mu mashure
				
				jeudi 19 Kigarama 2013
Ikibazo c’inda z’ishushu mu bana bakiri bato zimonogoje mu Burundi. Ibiharuro bivuga abana bagera ku 4760 batwaye inda z’ishushu bakiri mu mashure, muri ino myaka 3 iheze, vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’amashure yisumbuye Rose Gahiru.
Mu gihe umushikiranganji Rose Gahiru yariko ashira ahabona icegeranyo ca Reta ku vyerekeye ivyavuye mu cigwa c’abana batwara inda mu Burundi bakiri ku ntebe y’ishure, yavuze ko ibiharuro vyabo bana bimaze kuba vyinshi, mbere ko bikenewe ko abo bijejwe bose bari bakwiye kurabira hamwe uburemere bw’ico kibazo. Iyo ushaka gutuza ingorane uyihera mu mizi mu gutanga inyishu zumvikana mu kugira urwo rwaruka rukingirwe kandi n’iyo nyifato ituzwe burundu, nk’uko yabandanije asaba.
Ubukene bwugarije imiryango, imico yatosekaye, ugusamara, ukutiyubaha hamwe n’imyaka ibahenda, n’ukutamenya rero mu vyerekeye inyigisho yerekeza ku mabanga mpuzabitsina ni bimwe mu bituma izo nda zishushu ziguma ziyogera gusumba. Ku babikurikiranira hafi, inkurikizi ni nyishi cane kandi abanyeshure bamwe barihagararako mbere bagafata ibisanzwe mu gihe baba bibarutse. Abandi nabo, ugasanga baca bihebura cane iyo babonye ko bibungenze.
Kubw’ uwaje aserukira ikigo c’ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA (fonds des nations unies pour la population) ,Ismaila Mbengue, yavuze ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere abana batwara inda zishushu. Nico gituma, UNFPA ifashijwemwo na Reta y’Uburundi, bashizeho umugambi uhariwe gusa imiyabaga mu ntumbero yo kubafasha mu kuronswa inyigisho, mu vyerekeye amabanga mpuzabitsina (education sexuelle complete et responsable).
Floxella Karire
