IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo Uburundi bwafashe yagize ingaruka zikomeye ku budandaji (...)

Ingingo Uburundi bwafashe yagize ingaruka zikomeye ku budandaji bw’Urwanda

vendredi 12 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Urwanda rumenyesha ko ingingo Uburundi bwafashe yo guhagarika uguhanahana ibidandazwa hagati y’ivyo bihugu bibiri ari ingingo iremereye kandi yagize ingaruka zikomeye ku budandaji bw’Urwanda.

Umushikiranganji w’ubudandaji mu Rwanda, François Kanimba, amenyesha ko ivyo Urwanda rwarungika mu Burundi bivuye mu mahinguriro y’Urwanda vyagabanutse ku bice 40 kw’ijana.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe ubudandaji, yavuze ko ingingo iherutse gufatwa na Reta y’Uburundi y’uguhagarika uguhanahana ibidandazwa yasubije inyuma ubudandaji bwari butanguye gutera imbere hagati y’ivyo bihugu vyompi.

JPEG - 27 ko
François Kanimba, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe ubudandaji

Nk’uko tubikesha BBC, uwo mushikiranganji yagize ati : "Ingenda zacu zari zimaze kugira umuvuduko w’ ubucuruzi mu gihugu cy’u Burundi. Abacuruzi benshi bari baragiyeyo bagasinya amasezerano n’abantu babafasha gucuruza ibicuruzwa bimwe na bimwe bikorerwa mu Rwanda, ariko aho icyo gihugu kigiriye mu bibazo na mbere y’uko bafata icyo cyemezo cyo kuvuga ngo ntibacuruza n’u Rwanda, hagati y’umwaka 2014-2015 ibyo twoherezaga mu Burundi byagabanutseho hafi nka 40%".

Muri ico kiganiro, umushikiranganji w’ubudandaji yavuze ko abishize mu biharuro, asanga mu mwaka w’2014, Urwanda rwarungika mu Burundi ibicuruzwa bigizwe ahanini n’ibiraya, ibiharage, ibigori n’amata, vyose bifise agaciro k’amadorare imiriyoni 20, ayo akaba yaragabanutse akagera ku miriyoni 12 z’amadorare ya Amerika.

Ku bijanye n’ivyo Urwanda rwakura mu Burundi, umushikiranganji François Kanimba avuga ko ata gahombo na gato kabaye ku Rwanda, ico gihugu kikavuga ko cakura mu Burundi imbuto gusa, ko n’ubundi izo mbuto zibandanya ziva no mu bindi bihugu bikikije Urwanda, nka Uganda ndetse na Tanzania.


IGIHE

Messages

  • U Rwanda rushatse kutwicisha inzara ni nkako kanya,raba none ubu ko ama camions yacu ava muri Kenya na Ouganda inzira aca ari mu Rwanda bayankiye kwambuka twoba abande?pauvre Burundi

  • Ubuse abarundi inzara ntizabica koko.Mana batabare bave mumwijima bajye murumuri.Nanakimwe bizamarira abatiye u Burundi mugihe batabona imfungurwa,ngo bamwe bari bafite imirimo iteza ingo zabo imbere bakoreraga mu Rwanda.bazakora iki se?baziba,bazagira urwango rwa leta yanyu ntanikindi kuko irabasonzisha kdi biragaragara

  • Twisamburiyeko nk’impene,uyumunsi HE Kagame na Kabila barahurira i Rubavu mu Rwanda,Abarundi dusenge ntibadufatire embargo économique si non karabaye

  • TWEBWE ABANYAGIHU BUBURUNDI TURASHIMYE INGINGO RETAYUBUNDI YAFASHE YOKUTAGABURIRA ABATUBUZA UMUTEKANO BOMUGWANDA KAGAMEYIRIGWA YIYIMENGO UGWANDA GWARAKIZE RUGONBARUBOKO GWARIRUTUZWE NUBURUNDI RETAYUBURUNDI NIYUGAREGO IZOJAVYI ZIBIBONE KAGAME YARIYONZE UBUHO BIRUNYUKA NATWE ABANYAGIHUGU BOKUMIPAKA TURARIKANUYE NTAWUZOCARUKA YAHORAYIYEMERAKAGAME REKA TUBIRABE ZAMWIMUFOMAABATERUNDINGOTUZOBAGABURIRA TITAWACU TWEBWE ABANYAGIHU BUBURUNDI TURASHIMYE INGINGO RETAYUBUNDI YAFASHE YOKUTAGABURIRA ABATUBUZA UMUTEKANO BOMUGWANDA KAGAMEYIRIGWA YIYIMENGO UGWANDA GWARAKIZE RUGONBARUBOKO GWARIRUTUZWE NUBURUNDI RETAYUBURUNDI NIYUGAREGO IZOJAVYI ZIBIBONE KAGAME YARIYONZE UBUHO BIRUNYUKA NATWE ABANYAGIHUGU BOKUMIPAKA TURARIKANUYE NTAWUZOCARUKA YAHORAYIYEMERAKAGAME REKA TUBIRABE ZAMWIMUFOMAABATERUNDINGOTUZOBAGABURIRA TITAWACU ARASENGA

  • Ndabarahiye ingaruka zizagera ku burundi muzazibona export yamata ndetse nimitobe byacu tuzabyohereza nahandi ntanakimwe bizahungabanya ubukungu bw’u Rwanda ibyo u Burundi bwoherezaga mu Rwanda ubu turi kubivana mubindi bihugu... Nta ngaruka rwose nta nkeya tizahura nazo ahubwo Peter araje abicishe inzira

  • UMUTEKANO NI IKINTU GIKOMEYE MU KUBAHO KW’IBIHUGU. NTA NUMWE ABA AKWIYE GUKORA IKINTU NAKWIMWE NAHO COBA GITO GIHUNGABANYA UMUTEKANO W’IKINDI GIHUGU. IYO HAGIZE IGIHUGU KIBIRENGAKO INGARUKA ZIBA IZI TURIKO TURABONA. NONE KO URWANDA RUBANDANYA UBUSOTORANYI RUBIBONA KUKI RUVUGA KO HABAYE INGARUKA KUVYO BAKOZE BABIBONA. KAGAME YAVUZE KO ARIKO ARARIBWARIBWA BIGARAGAZA URWANKO RUKOMEYE AFITIYE UBURUNDI, N’UKO NYENE WE YIBAZA KO AKOMEYE BIRENZE URUGERO, ARIKO URUGO RW’UMUBANYI IGIHE COSE USHATSE KURUGENDERA URADODORA KUKO NTUBA UZI IKIRI MUNZU. NJANYE NA MUSHIKIWABO YAVUZE KO ATAWUTWARA IGIHUGU KITARI RWIWE.

  • ariko disi abanyagihugu buburundi murababaje uziko neza peter yabahobagije none muka musigaye mureba imbere yamano yanyu aho kureba ahazaza !!

  • cndd.fdd izobagaburira ifise menshi, canke ibahe kumaraso yirigwa iranywa yabana buburundi.

  • Reka sigaho. Urwanda rubandanya rutwica ngo natwe tubandanye turugaburira.
    Ntibaratubwira iyo bashize Président NTARYAMIRA n’aba ministres bari kumwe. Urwanda rucumbikiye abansi b’Uburundi. Kagame yatumaze ko abana muri kaminuza mu Burundi.... na none Abarundi barihanganye.

    Kagame ni aje i Congo aho yagize aba Congomani esclaves, abaja biwe, mu Burundi birarura.

  • Uburundi ntanakimwe tubukeneyeho yewe turamutse tubafungiye bapfa bagashira ama camions ava Uganda nava kenya yose aca murwanda..ariko twaba duhemukiye abaturage babarundi ubwo buyobozi bwabarundi bwbwuzuye ubujiji twe uretse ibyotwacuruzaga muburundi tuzabijyana na congo cg uganda

  • WEWE WIYITA MISIGARO ,NTOGUSHAVURIRA UFISE UBWENGE BUKE NKA SHOBUJA ,ARIKO ICO NOKUMENYESHA CO "WOVYANKA WOVYEMERA ,IMBWA ITAHA KWA H.E KAGAME IKURUSHA UKWIBAYEHO,MUZOPFANA IYONDAMBI MWE NASHOBUJA NTACO IZOBAMARIRA

  • Abarundi turatwengeje,erega u Rwanda rwaradusize kumpande zose none ubu ibidandazwa vyava ino bija mu Rwanda n’ivyavayo biza ino mu Burundi n’ibihe vyinshi?

  • Impanuro zitatu ngombantange zivuye muvyo mbonye muvyiyumviro vyabamwe mubanditse ngaha:
    Bamwe mubanyarwanda(agatsiko) ahokwiyumvirako Kagame wabo yabashoye mubizobagirako ingaruka basimbagurika bavugango: twebwe turakomeye ubutunzibwacu ntacobuzoba ahubwo abarundi Peter wanyu na CNDD FDD biragiyekubicisha izara eheraba twugaye inzira i vana ibintu Bugande na Kenya muzocamupfa nayandimajambo yokwerekanako ubutegetsi bwabo ivyobukorera uburundi cabarundi bibanezereza, ndababwiye nukuri ivyomurabikora mukibaza kwimana ihwanye namye ariko hariho akanwafu mugiye gukubitwa nimwakomeza kwinangira gurtyo.
    Ikindi iyaba mugifite Ubuntu murimwebwe ntimwarigushinyiriza mwivugisha ngo ntabizobakora ivyu Burundi bwahisemwo kubuza ko ibifungurwa vyinjira nibisohoka, ahubwo mwariguhabagarira indongozi zanyu zigasanga indongozi zu Burundi bakagira icobavuganye kugira iyongingo uburundi bwafashe buyikureho.
    ikindi kubijanye nivyomwavuze ngo mwokwugara ibarabara rizatana ibintu bivuye Bugande na Kenya, ivyokubivuga biraborohera ariko usomwe mumategeko agenga iryobarabara mwosanga murifiseko uruhara ringana na 01% rekandabibutse akantukamwe mufise kwiryobarabara nukuba rica mugihugu canyugusa ibindivyose vyokurikora vyakozwe namakungu kubwine yibihungu birenze uburundi nurwanda, wihenzerero ukabuza imodoka ngontizirengane kwiryobarabara ntanijwi ryabarundi wokumva ahubwo mwohangana na Kenya na Auganda.
    Ahorero nubwo mwobamubishoboye guhagarika ngwibindu ntibice mwiryo ibarabara bivuye Kenya Auganda twebwe turazi kohariho izindinzira zobishikana Burundi bidaciye Rwanda .
    Ndababwizukuri mutihagazeko ngomuze murabwira uwomuntu wanyu mwita ngoni HE Kagame koyihenda kugirayikebuke azobasigamwo imvune izobatwata imyaka myishi kugira muyikire.
    Umva twebwe ejobundi haheze Tanzania yarugaye ngo ibifungurwavyayo ntibisubire kwinjira Burundi twese abarundi nindongozi zacu twafatikanirije hamwe mukuvugako bizotugirako ingaruka arinaho indongozi zacu mwijwi ryubwitonzintangere zaciye zivugako zizosaba umubonano nindongozi za Tanzania kugira barabirehamwe kwicocemezo kitozohava kigira ingaruka kubihuguvyompi ahobavuga abenebuhugu bavyo aribabo gihugu. Nayomwebwe ahokubitwaragurtyo murajangaho mugashingiriza ngo turateyimbere ngwivyo ntacobizodutwara kubutunzi bwigihugu cacu ahorero nabonye mwibagiye nukuvuga komufise za stage!!!!!!!!!!

  • MUBURUNDI TUKWIYE KUMVIKANA NURWANDA

  • BARUNDI MUHUMURE TWE NTITUZABAFUNGIRA AMAKAMYO AHUBWO MUREKERE UBWICANYI MUTERE IMBERE

  • Reka Bibakoreko Ahu Abarundi Muzibire Uwomubona Tumukorereko Ok

  • A rire qui rira le dernier.ubu u Rwanda rufashe ingingo z’uburofa nkatwe vyogenda gute?n’akamaramaza

  • Ushobora kuja muri kenya na uganda uciye tzt ninkakaravyo

  • Abaru ntazarizotwica uburundi buramera oyimata nama jus anywerarwa hehe muburundi ko vyose bihari ntabiribwavyo hanze dukeneye!

  • narinzi kurwanda rwikwije atacoruhovya rwanda niwikebuke umuriro waturiye kumubanyi wawe burundi nawe uzowota iyo nintango mvunira kagohe abanyarwanda barazi ivyababayeko rero kagame ntiyongere kubakwegeramwo intambara nabandi tukibarira nareke kubandanya kamisha ibiziga ajabukimbibe ateranya abarundi ngo bicane ngo habe jenoside ngo babone gutwara ubuziraherezo ndabarahiye imana niyitanga ubutegetsi ninabona urwanda nuburundi burwanye habura umunyarwanda numwe apfa kagame azoca avurwa kwisi yose nare gukwega ingorane tubane mumahoro abo yifuza karibo botwara uburundi surukundo abafituye namba yarabaroshe nubunabazane abashire kubutegetsi nibagitwaramahoro uzonzongaye nibemere batwarwe nabo kuko batwaye inyaka mirongo ine ubu hashikiriwe abandi nitwabona ataco bamaze tuzobabogoza mugabo bareke gukwisisi basabira igihugu cabibarutse ibihano bisamburirako nkimpene nibagaruke basabikigongwe twubake igihuggu na nibashaka gukoresha ingufu ndabarahiye yesu azorindaza atamahoro abonetse muburundi kizigenza wacu at

  • mbe ko muvuga ibiva iwanyu ibiva iwacu ntaco bibbamariye? mwarawucanye muzowota kwisi kizigenza wacu yubaha IMANA avuga ati MUSENGA MUKORA MUKORA MUSENGA IMANA niyo itanga azotwa gushika igihe yamugeneye nahandi ntimukorako reta yacu ndayikeje ibintu vyamanutse biraboneka ko ibintu vyacu vya herera murwanda

  • ko igihugu(uburundi) gifata ingingo nkiyo birarekuwe ariko bishitse ibindi bihugu(rwanda,tanzanie...) navyo bigaca bifata ingingo isa niyo bikivugira biti:dukingire umwimbu wacu.uburundi bwo kwisanga bwifatiye embargo.yemwe aho ntaco ndengejeho ariko abarundi nta ndwi 2 twomara tudatanguye gupfa kubwi inzara!

  • ahubwo urwanda rwari rukwiye gusubira inyuma gose kuko kagame niwe yasaze aza kwita mubitamuraba ico nosaba leta y,uburundi nuko yofatira ingingo ruhasha urwanda nabanyarwanda bari muburundi.

  • U Rwanda ntirwokora nkivyo u Burundi kuko nukuri abarundi twoca duhona kuko ivyo imiduga izana ivyo u Burundi bukeneye imyinshi ica mu Rwanda.

  • Nta kundi iyo ngingo yafashwe nta wovuga ko ari mbi ishobora kuzana akunguko (ku) Uburundi.

  • Krigitya! Abarundi Mwagarabiki? Mugwanda Zabugegesela Nahandi Hengi Enzara Yarikubarumacanecane !Tuzakwiretera Abakazibabo Nibikobwa Vyabo Twebaganda Tuje Kuvyiswerera Nayokagame Arahomvye Kimwe Mubihugu Yahora Yiyiyamwo Utwah,abakoronibiwe Sawasawa Musureburungi Gatonda Abasasire Abaretere Emperandugi

  • Krigitya! Abarundi Mwagarabiki? Mugwanda Zabugegesela Nahandi Hengi Enzara Yarikubarumacanecane !Tuzakwiretera Abakazibabo Nibikobwa Vyabo Twebaganda Tuje Kuvyiswerera Nayokagame Arahomvye Kimwe Mubihugu Yahora Yiyiyamwo Utwah,abakoronibiwe Sawasawa Musureburungi Gatonda Abasasire Abaretere Emperandugi

  • wap kwer non bazoronderer ahandi

  • Leta y’u Rwanda niyo u Burundi bwafunga burundu imipaka yabwo hahomba abarundi not abanyarwanda,dore ko u Rwanda rufite plans zihamye, umutego mutindi ushibukana nyirawo, wait and see

  • @kanyosha ubutaha nujya kwandika ujye usiga umwanya wo kwandikaho ubuse ko wamaze urupapuro turandika he?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.