IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingorane zahora zibonekeza mu gutwara abantu n’ibintu zigiye gutorerwa (...)

Ingorane zahora zibonekeza mu gutwara abantu n’ibintu zigiye gutorerwa inyishu

mardi 13 Myandagaro 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, ari kumwe n’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu na bamwe bamwe bo muri ubwo bushikiranganji bagiranye inama n’abaserukira abatwara amapikipiki, amamodokari hamwe n’amakinga yunguruza abantu ku muhingamo w’ejo kuwa mbere. Iyo nama ikaba yari ifise intumbero yo gusozera iyari yakozwe ku musi wa gatatu aho bahanahana ivyiyumviro ku vyerekeye imyidogo isanzwe iri muri ico gisata hamwe no guhinyanyura ivyo bari bavuganye kuri uwo musi, batibagiye gushiraho umurwi uzoza urakurikirana ivyo bibazo bikunda guhura n’abo bunguruza abantu n’ibintu.

Muri yo nama umuhuza w’abarundi yagiranye n’abo bunguruza abantu, umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu akaba yasavye abo batwara abantu ko amezi abiri gusa ariyo atanzwe kugira batunganye ibitagenda neza haba kwiyandikisha muma komine, gukwiza impapuro zibaranga n’ibindi. Muri iyo nama, basavye abagurisha amapikipiki ko boza baragurishana n’iparati ndangapikipiki (plaque) nka kurya bisanzwe bigenda ku miduga. Ntibibagiye no kwihanikiriza abahagarika imiduga yabo aho bitagenewe.

Umushikiranganji yabandanije amenyesha ko vuba bazocisha amatangazo ku nsamirizi n’imboneshakure kugira batange inomero umunyagihugu azoba atwawe nabi azokwikorako ku buntu (numero vert).

Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko abagendesha imiduga yunguruza abantu n’ibintu bazotegerezwa kuza baraja gusuzumisha izo modoka incuro zibiri ku kwezi. Abaserukira abo batwara abantu n’ibintu bakaba basavye ko abapolisi bajejwe gusuzuma mw’ibarabara boza barakorana n’abajejwe gutwara abantu n’ibintu kuko hamye hiyerekana ingorane zo gutumatumanako amakuru.

Abo vyega bari muri iyo nama bashikirije ikibazo c’uko hari abashoferi iyo bugorovye baca baja gutonda ku mirongo atari iyo bahora bakoreramwo, nk’akarorero imiduga yo mu Kanyosha ikaja gupakira mu Kabezi, abari gutaha mu Kanyosha nabo bagaca babura uko bataha. Umushukiranganji yamenyesheje ko iyo ngorane igiye gutuzwa.

Iyo nama ikaba yarangiye batoye umurwi uzoza urakurikirana ko ivyo bumvikanye hagati y’ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu hamwe n‘abo baserukira abatwara abantu n’ibintu vyashitsweko. Uwo murwi w’abantu 12 ukaba uhurikiyemwo abaserukira ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu, abaserukira ibiro vy’umuhuza, abaserukira igisata c’umutekano, amashirahamwe yo gutwara abantu n’ibintu.

Iyo nama ikaba yarangiye hari umwizero y’uko ingorane zahora zibonekeza muri ico gisata co gutwara abantu n’ibintu zigiye gutorerwa umuti.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.