IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inkoho 213 n’ibindi birwanisho vyakuwe mu banyagihugu mu mezi atandatu (...)

Inkoho 213 n’ibindi birwanisho vyakuwe mu banyagihugu mu mezi atandatu aheze

mardi 22 Mukakaro 2014

Mu gice ca mbere c’umwaka w’2014, igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko iruhande y’ivyaha vyari bimenyerewe mu mibano y’abantu, hari ivyabonetse nka bishasha vyagiye birahungabanya umutekano w’igihugu, hamwe n’ibiza vyagiye biriyadukiza, bimwe bigatuma abanyagihugu bahasiga ubuzima. Mu ntumbero yo kurwanya ubwicanyi, ibirwanisho vyo mu bwoko butandukanye vyarakuwe mu banyagihugu.

Mu kiganiro c’ugushira ahabona ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’umutekano mu gice ca mbere c’umwaka w’2014, Gabriel NIZIGAMA, umushikiranganji w’umutekano w’igihugu yashikirije bimwe muvyagiye birahungabanya umutekano w’abanyagihugu, nk’imishamirano hagati y’abanyamigambwe n’abaporisi, imvura y’isegenya yahitanye abantu n’ivyabo, hamwe n’imiriro yahitanye amasoko agasiga abanyagihugu mu bukene. N’aho hagiye haribonekeza ivyahungabanije umutekano w’abanyagihugu, nk’imirwi yitwaje ibirwanisho yagerageje kwinjira mu gihugu igatera n’ibirindiro vy’abajejwe umutekano, Gabriel NIZIGAMA arashima ingene umutekano wifashe mu gihugu cose, akavuga ko babikesha amakomite rusangi y’umutekano yamaze gutangura gukora ukuri kwamye mu ntara 11 muri 17 zigize igihugu c’Uburundi.

JPEG - 32 ko
Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano

Mu ntumbero yo gukomeza umutekano, Gabriel NIZIGAMA amenyesha ko babandanya igikorwa co gukura ibirwanisho n’ibindi bikoresho bihungabanya umutekano mu banyagihugu. Muri iki gice ca mbere c’umwaka w’2014, inkoho zigera ku 213, pistolets 34, amagerenade 1599, amabombe 244, dinamite 89, mine 3 n’amasasu 18826 n’ibikono 523 nivyo vyashoboye kwegeranywa n’umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu. Kugira ivyo birwanisho bikurwa mu banyagihugu ntibikoreshwe mu bundi bubisha, Gabriel NIZIGAMA, umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko babandanya igikorwa co kubishirako ibimenyetso ndangankoho, bakaba mbere baratandukiriye n’ibitunzwe n’abari mu nzego zose zicungera umutekano, nk’urwego rw’igendereza n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Nk’uko Gabriel NIZIGAMA, umushikiranganji w’umutekano abimenyesha, mu migambi y’igice ca kabiri c’umwaka w’2014, bategekanya ko gushika mu mwaka w’2015, imbere y’amatora, abaporisi bose bazoba bahejeje kuronka inyigisho zijanye no gucungera amatora. Bazotunganya kandi inyigisho zikwiye ku bajejwe kuzimya imiriro (Sapeurs pompiers), hamwe n’abaporisi bajejwe uruja n’uruza ku mabarabara.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.