IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zisubije agateka muri Namibie

Intamba mu Rugamba zisubije agateka muri Namibie

mardi 29 Ntwarante 2016, par egide

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba wiyambitse umutamana mu gutsinda umurwi wa Namibie ibitsindo bitatu kuri kuri kimwe mu rukino rw’ugusubiriza rwabaye kuri uwu wa kabiri. Mu rukino rwa mbere, Namibie yari yatsinze Uburundi ivyo bitsindo nyene i Bujumbura.

Fiston Abdul Razzak, umusatirizi w’Uburundi asanzwe akina mu gihugu ca Afrika y’epfo yinjije ibitsindo bibiri muri urwo rukino, akaba kandi ariwe nyene yari yatsinze igitsindo kimwe c’Uburundi mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Igitsindo ca mbere c’Uburundi cinjijwe na KWIZERA Pierrot umukinyi wo hagati mu kibuga.

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba batanguye mu kibuga

1. NZOKIRA Jeff
2. NIZIGIYIMANA Kharim
3. NDUWARUGIRA Christophe batazira Lucio
4. NSHIMIRIMANA David
5. NSABIYUMVA Frederic
6. KWIZERA Pierrot
7. Amissi Cedric
8. Papy Faty
9. Abdul Razzak Fiston
10. NAHIMANA Shassir
11. NDIKUMANA Yamin Selemani


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.