IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intumwa y’u Bufaransa yaje kuraba umumenyeshamakuru wa RFI afungiwe mu (...)

Intumwa y’u Bufaransa yaje kuraba umumenyeshamakuru wa RFI afungiwe mu Burundi

jeudi 20 Kigarama 2012

Igihugu c’u Bufaransa cararungitse intumwa kuraba umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI afungiwe mu Burundi. iyo ntumwa yarabonanye n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. yasubiye inyuma afise icizere ko azorekurwa mu ngingo izosomwa italike 8 Kigarama 2012.

Marie-Christine Saragosse, umuyobozi mukuru wo kumenyesha amakuru mu makungu mu mboneshakure zose zo mu gihugu c’u Bufaransa n’iradiyo y’abafaransa RFI yavuye mu Burundi kuri uyu wa gatatu italike 19 Kigarama inyuma y’urugendo rw’iminsi 2. Yaboneyeho akaryo ko kugendera umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera RFI mu Burundi amaze umwaka urenga afunzwe.

Uwo mu menyeshamakuru akaba akorera n’iradiyo Bonesha FM yaciriwe gufungwa ubuzima bwiwe bwose. Yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba kuko yavugishije uwurongoye umuhari w’abagwanyi bagwanya Reta y’u Burundi.

Umupfasoni Saragosse amenyesha ko yabonanye n’abategetsi batari bake b’igihugu harimwo n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kandi ko bamwakiriye neza. Ngo yaraberetse amakenga y’igihugu ciwe kw’ifungwa rya Ruvakuki. Amenyesha ko bamwemereye ko bazokora uko bashoboye kugira uwo mumenyeshamakuru arekurwe ariko ngo ntibazokwisuka mu gikorwa c’ubutungane.

Saragosse avuga kandi ko vyabonetse mu rubanza muri sentare isubiramwo imanza i Gitega aho Ruvakuki yunguruje, ko yera kuko yakoze akazi kiwe ko kurondera amakuru. Kanatsinda ngo amategeko agenga umwuga wo kumenyeshamakuru arabimurekurira.

Yabwiye iradiyo Bonesha ko afise icizere ko Hassan Ruvakuki azorekurwa mu ngingo izosomwa italike 8 Nzero 2013 aho urubanza ruzosomwa ruvuye mu mwiherero. Arangiza avuga ko asubiye inyuma yizeye neza ko ubutungane ngo buzokwikubita agashi bukareka gusubiza inyuma ubwigenge bwo kumenyeshamakuru mu gufunga abakora umwuga w’ubumenyeshamakuru.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.