IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’ibanki y’isi yose zirashima intambwe u Burundi bugezeko

Intumwa z’ibanki y’isi yose zirashima intambwe u Burundi bugezeko

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Kur’ uyu wa mbere intumwa z’ibanki y‘isi yose ziri mu rugendo mu gihugu c’u Burundi, zarahawe umubonano n’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza. Mu vyo baganiriye rero ngo barashimye intambwe u Burundi bugezeko mu vy’ imibano hamwe na politike yo kworohereza abanyamitahe.

Uwurongoye izo ntumwa, Piero Cipollone yamenyesjeje ko baje mu ntumbero yo gushigikira u Burundi mu migambi y’iterambere, ati twaje kwirabira aho ishirwa mungiro ry’iyo migambi rigeze kugirango bashobore kuyisigura neza munama y’ibanki y’isi yose.

JPEG - 35 ko

Mu minsi itatu bamaze mu Burundi ngo izo ntumwa zirashimishwa n’intambwe igihugu kigeze ko mu gisata c’indero ,ic’amagara y’abantu hamwe no mu vy’ubudandaji.

Pierre Nkurunza nawe yavuze ko u Burundi bugifise ingorane zitarinke zibwirizwa gutorerwa umuti kugirango abanyagihugu bashobore kuva mu bukene bubugarije.

Yaranashimiye ibanki nkuru y’isi ko yama ifata mu mugongo u Burundi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.