IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi "I Mashoka" imaze iminsi ironka ubushimwe itanga ubutumwa ubwa (...)

Ireresi "I Mashoka" imaze iminsi ironka ubushimwe itanga ubutumwa ubwa he?

vendredi 3 Gitugutu 2014

Inyuma yaho ireresi I Mashoka imaze iminsi itorwa mu kibanza ca mbere mu mareresi yo mu karere, Jean Marie Ndihokubwayo umwe mubayiteguye yashikirije iciyumviro yamukuru n’ubutumwa buri muriyo.

Jean Marie Ndihokubwayo ahejeje kuronka agashimwe i Arusha

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Jean Marie Ndihokubwayo afadikanije na Johan Delfander arongoye ishirahamwe "La Benevolencia" bashimiye uwo wese yagize ico aterera kugira iyo reresi ishike ku ntambwe igezeko. Nk’uko abo babivuga, "I Mashoka" yateguwe mu ntumbero yokuryohera abayiraba kandi ifise n’ubutumwa ije guha abayiraba. Ikindi n’ukwerekana abantu intambwe z’uko abahora babana neza bashobora gucanamwo iibintu bikunyuka kubera ibi canke biriya. Mw’ireresi I Mashoka" amazi n’iyo yabaye inyendamuvano wo gucanamwo hagati y’abanyamazi n’abagabuza.

Ireresi irerekana ko urukundo rushobora kuba ikigwanisho gitsinda ubudasa bw’abantu, ivyo bibonekera k’urukundo umukobwa "Kamikazi" yakundanye n’umusore Nijimbere rwarengeye ukudasangira ubwoko bw’imiryango bavamwo.

Jean Marie Ndihokubwayo avuga ko naho "I Mashoka" irindiriwe n’abarundi benshi, ntiharagera ko bayerekwa kuko ikiriko irahiganwa mu masabukuru akomakomeye azobera muri Amerika, Burkina Faso, Ububirigi n’ahandi. Si ugukengera Abarundi canke abo bose bayipfuza n’uko amategeko yo guhiganwa abitegeka. Ishobora kuzotangura kwerekanwa mu mpera z’umwaka w’i 2014 canke mu ntango z’umwaka wa 2015.

Mwomenyako "I Mashoka" yanditswe n’abantu 6 ikorwa ku buryo butanzwe n’ishirahamwe "La Benevolencia" na "Netty Communication". "I Mashoka"imaze kuronka ubushimwe 2, kamwe yaronse mw’isabukuru ry’amareresi ryo mu Burundi "Festicab" no mw’isabukuru riherutse kubera muri Tanzaniya "Arusha African Film Festival".

Amwe mu mashusho yafashwe igihe hariko hakorwa ireresi ’I Mashoka’.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.