Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isanamu y’indirimbo « jewe nawe »yagiye ahabona
 Isanamu y’indirimbo « jewe nawe »yagiye ahabona
 Isanamu y’indirimbo « jewe nawe »yagiye ahabona
				
				lundi 4 Munyonyo 2013
Iyo ndirimbo ya King Plata, yasohotse muri kigarama mu mwaka uheze, yayikoreye mu Rwanda kwa Mr Jack Studio. Iyo ndirimbo ivuga umuhungu yakunze umukobwa, maze akipfuzako boba kumwe, ubutumwa bwayo bwahora mu majwi gusa, ubu bwagiye ahabona kw’isanamu.
Plata asanzwe yifitiye ivyuma bikwiye vyo gukora umuziki guhera ku ntango gushika indirimbo zije ahabona. Amenyesha ko n’ayo masanamu ariwe yayikoreye, naho akenera uwumufasha amusanga aho asanzwe akorera. Isanamu ya « jewe nawe »,iboneka neza cane, kur’ivyo Plata Platini avuga ko ari ibintu ariko aramenyera kiretse ko ashobora gukenera uwumuterera iciyumviro. Yongerako ko, n’abandi bakeneye gukoresha amasanamu ashobora kuyabakorera.
Iyi sanamu isohotse inyuma y’amezi 2 hasohotse indirimbo « Gukunda », kuba menyereye ivy’umuziki, barumva ko uyu ariko arakora cane. Arangiza amenyesha ko ariko yitegurira kurangiza umwaka neza, hamwe n’abakunzi biwe, yongere ashikiriza bimwe mu vyo ategekanya kuzokora mu mwaka uza w’2014.
Chérif Nkeshimana
