IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OLUCOME riranegura abariko batevya ibiganiro

Ishirahamwe OLUCOME riranegura abariko batevya ibiganiro

vendredi 29 Ndamukiza 2016, par egide

Ishirahamwe OLUCOME rirashimira umuhuza Benjamin William MKAPA kuba yateguye gusubira gutunganya ibiganiro bihuza Abarundi kuva kw’igenekerezo rya 2 Rusama gushika kurya 6. Muri OLUCOME baranegura Reta, abantu canke imirwi y’abantu bashaka gutevya ibiganiro ku nsiguro zitumvikana.

Mw’itangazo OLUCOME yasohoye, basavye Reta guhagarika ibiganiro biriko bihuza mu Burundi ubutegetsi hamwe n’abakunzi babwo muvya poritike, ahubwo ubwo butegetsi buje mu biganiro n’abo vy’ukuri bafise ivyo badahurizako mu mice yose, mu biganiro vyogarukana amahoro, umutekano, hamwe n’iterambere mu Burundi.

JPEG - 77.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Reta y’Uburundi yasabwe kandi kuzokwitaba ibiganiro bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 2 Rusama 2016.

Reta y’Uburundi iheruka kumenyesha ko yaronse ubutumire bw’ukuzokwitaba ivyo biganiro bigiye guhuza Abarundi, muri Reta ariko bakaba bataramenyesha ku mugaragaro namba bazokwitaba ivyo biganiro. Reta ikavuga kandi ko izoganira gusa n’abatagiye mu bikorwa vy’uguhungabanya umutekano.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi naho, urunani CNARED ntirwatumiwe muri ivyo biganiro, ariko abagize urwo runani nka bose bakaba batumiwe nk’abakuru b’imigambwe basanzwe barongoye.


IGIHE

Messages

  • snared abarundi barayikundaga gose najeho norayikunda mugabo ngirango nabeneyo bazoyihakana batinya kuzobazwa abantu yica umunru wese umena amaraso yikiremwa muntu azobibazwa

  • komera mutama . zuratanga Impanuro Turabeko haricohinduka!!!

  • oya nimba CNARED itatumiwe nkurunani reta izovyitaba, kanatsinda nintumwa zabakuru bibihugu batanu baribarongowe nanyenicubahiro ZUMA baravuzeko ivyavuye mumatora arigiti kiturirwa batazobikomama, rero umuhuza ivyo arabize neza. abifuza gushikira ubutegetsi babaje kugandagu abatigetsi babanze bibuke mu93 hagundaguwe NDADAYE nabafasha biwe hama hawirikira abarundi isinzi....ababaikoze nibo badukwege ayamaku turimwo atazopfa aheze babitumwe nameru yugutwaro, abagifise iyomigambi igaitse boshaka bobireka kuko naho bobishikako ntibontwara mumahoro.....bobabongeye ingorane muzindi!!!

  • Mu burundi, Twi pfuza nkamwe! nahi ntwari zitaramba?

  • Banke bemere bazogenda mubiganiro, ivyo navyo bavuga yuko batazovugana nabahungabanije umutekano, jewe sintahura abobavuga abaribo !.umutekano kobona aribo birirwa barawuhungabanya mukugandagura abantu. izontangodwa za ba cdd fdd bimburakimazi.

  • Komera cane mutama rufyiri zurabwira izontumva zabicanyi bahamahoro abarundi ahobakiciye abantu nikera abarundi sitwe tuzobona baratuvuye kwizosi

  • Ego birumvikana abashatse gutembagaza ubutegetsi naba turiye abantu ingingo ya 2248 gushirahamwe ONU ntibemerera kuja mubiganiro nicogituma mumisi bose bagomba gutangura kuronderwa ahobagiye hose. Bizojanirana nibihano bigomba gutangura vyogufatira Igihugu curwanda bifatanye nokuba rwarashigikiye biboneka mubaja guhungabanya nokwica abarundi, ariko ivyobagomba gutangurirako nibihano bijanye nimfashanyo urwanda rwagahawe namakungu kugira rufashe abanyagihugu/ abaturage maze hakubafasha uwuri umukuru wu Rwanda P Kagame akaza kwiguriramwo indege maze ayandimahera akazarayashombera mubihugu vyohanze kuyanyegeza, ekayemwe muguhasha abanyarwanda nudufaranga bakuye mudushaka bakozemwo umusururu/ubushera akatubaka abicishije mumayeri y’Agaciro,Ishema nukuri umengo umunyarwanda atari mukarwi ka Kagame ntacemerewe gutunga amafranga yemwe nabo abanyarwanda bayamuha banezerewe kugira barabe ko amajoro yokubaho yiyongere, wihenze mukumushikiriza ayomafranga ntuyatange unezerewe imisiyawe yokubaho canke kwindegemvya yociharurwa. Amarira yabanyarwanda nubwomubona batavuga ariko iyobari muvyumbavyamazuyabo barabwira Imana kugira ibakure murworwobo rwintambwe nkuko yabikoreye Meshake, Daniyeri na Bedunego.

  • twashaka.ugugabonkawe nayabandinibansumirinda gusa.none.koretayanka kandariyoyirigwa.irica? yankakobayibarira.ivyikora ntareta. tugira.nabicanyigusa

  • VYUKURI IVYO RETA IVUGAKO ITOKWICARANA NABAGONVY GUSENYURA UBUTEGETSI NIVYO KKO NTAKUNTU YOKWICARANA NABAGONVY KUYISENYURA AHUBWO NIBAB BARERERA NKA GAHINI

  • Aho Ga Rufyiri Atari Abarundi Binjiji Kawe Hari Uwutazibyawepe ?! Mbe Uracyatwara Olcom Koko ? Uyitwarirahe ? Nawe Warahunze Igihugu , Ubu Turazi Ko Wagiye Gukorana Nazanyanka Burundi Zishaka Kubiba Amacyakubiri ! Teshwa Ute Ukumbuye Kuja Gukinira Kumusaga Ukahatakariza Ibyawe

  • Mbe mwebwe ko mwisamburirako ntasoni umwe avuga biriya ngo ubu rundi wapi
    Ese ninde azoza akunda uburundi atari wewe nje datwenga cane mbonye umurundi ariko asabira ibihano kugihugu ciwe mana wee injiji pepe ibihano kugihugu nawe uba urimwo none se wisabira igihano wumva uba ukwije????? Batundi va ibueimu muje inuntu kuko tugeze muri vision 25-30

  • Je Mbona Ko Ibiganiro Vyojamwo Abogira Ico Baterereye Bose

  • abarundi bashaka umutekano nyakuri!bisubiye ntahandi uzova atari mumyumvikano hagati yabamaze kugaragaza umubabaro muguhaguruka hamwe na reta!kand reta imenyeko ufatiye kunguvu z’igikenye ikoresha,hatabuze abafumbigwa kumutima batinya gasa guhohotegwa!

  • Inkona yarafashe ntizorekura,ni mpaka yezu agarutse.ntaguceza nigihugu.muzorindira amaso ahere mukirere.canke muzohere nkifu yimijira.

  • Nivyiza ibiganiro ariko nukuganira nabatashatse gutembagaza ubutegetsi barabe abobandi batahobegamiye

  • Mana Nuje Imbere Natwe Tuje Inyuma Maz Tugere Ikirenge Mu Cawe!Ibibazo Vyose Uburundi Burimwo Turabigutuye!Kandi Mugusaba Ntitugutegetse;biraba Nkuko Ubigomba.Amen

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.