IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’ibihugu bivuga igifaransa rikurikiranira hafi ibibera mu (...)

Ishirahamwe ry’ibihugu bivuga igifaransa rikurikiranira hafi ibibera mu Burundi

lundi 7 Nyakanga 2015

Intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa Pascal Couchepin,ari mu rugendo mu Burundi,kuva kw’igenekerezo rya 6 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga 2015.

Pascal Couchepin yakoze urwo rugendo mu ntumbero yo guherekeza Uburundi mu gikorwa co kurondera inyishu y’ikibazon ca politike kiri mu Burundi,no kubandanya igikorwa yatanguye mu rugendo yagize kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 7 Ruheshi 2015 mu Burundi.

Urwo rugendo yarugize inyuma y’inama y’umurwi wamaho w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa,yabereye I Paris ku murwa mukuru w’Ubufaransa yemeje ko iryo shirahamwe ryokurikiranira hafi ibibera mu Burundi.

Mu gihe urwo rugendo intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa mu karere k’ibiyaga binini irugize hari ukutumvikana muri politike y’Uburundi,iyo ntumwa izobonana n’abategetsi batandukanye,baba abo ku ruhande rwa Reta,abatavuga rumwe nayo,abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,hamwe n’abafasha Uburundi bari mu gihugu.

Bitegekanijwe ko inyuma y’urugendo,Pascal Couchepin azoshikiriza icegeranyo c’uko ibintu vyifashe mu Burundi,umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw ‘igifaransa.Ivyasabwe muri ico cegeranyo bizofasha ishirahamwe gukomeza ibikorwa vyaryo mu Burundi,no gufasha kubandanya ibiganiro vyotuma hagaruka umutekano mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.