Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ivyashitsweko mw’isozerwa ry’inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi
 Ivyashitsweko mw’isozerwa ry’inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi
 Ivyashitsweko mw’isozerwa ry’inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi
				
				vendredi 20 Ruheshi 2014
Zimwe mu ntambanyi zagarutsweko muzugarije igisata c’uburimyi n’ubworozi mu nama rukokoma yasozerewe kuri uwu kane, harimwo uburyo budakwiye muri ico gisata hamwe n’ukwaga kw’amatongo.
Mu nama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi yari imaze iminsi ine ikoranije abegwa n’ikibazo c’uburimyi mu Burundi, barashoboye gutororokanya ingorane zugarije ico gisata hamwe n’ivyokorwa mu kurushirizaho kugiteza imbere.
Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi mw’ijambo ryiwe ryo gusozera ibikorwa vy’iyo nama, yamenyesheje ko mu ngorane zikicugarije ico gisata, iz’uburyo ziza imbere. Vyaragaragaye kandi ko igisata c’uburimyi cugarijwe n’ingorane z’ukwaga kw’isi, itituka ry’isi ndimwa, ingorane z’ihingurwa ry’ibifungurwa n’ibikwa ryavyo, bigatuma haba n’ingorane zo gufungura nabi.
Vyagaragaye kandi ko hari ubukene bw’uburyo bushirwa mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, butuma ata migambi ishikwako, n’umwimbu ntuheze ngo uboneke uko vyategerezwa, naho abafasha bagerageza gushiramwo uburyo bwabo.
Muvyasabwe muri iyo nama rukokoma, harimwo gushigikira ikigo gisanzwe gihingura ibifungurwa, CNTA (Centre National des Technologies Alimentaires) kugira ibibazo bijanye no gufungura bikemurwe, hamwe no kugarukira uburovyi busa n’ubwasubiye inyuma muri ino myaka.
Mwomenya ko umushikiranganji Odette Kayitesi yamenyesheke ko hagiye kuzoshirwaho imirwi y’abahinga bazokwiga urutonde ngenderwako « Plan d’action » bazoshikiriza Reta mu gukemura ibibazo vyugarije igisata c’uburimyi n’ubworozi.
Mariella Bukuru

Messages
23 Nzero 2016, 09:58, par Nkunzimana Jonas
Nihabeho Ukwitanga Gusumbirije Mubajejwe Ico Gisata ,kuko Ariho Ubuzima Bwigihugu Buri.